Uwundi muntu arwaye ebola muri Reta zunzubumwe z’Amerika

2 15-10-2014 - saa 16:47, IGIHE

Muri Reta zunzubumwe z’Amerika habonetse uwundi muntu arwaye indwara ya Ebola, mu gisata c’ubuvuzi.
Uwo muntu abonyweko iyo ndwara akaba akora mu gisata c’abaganga i Texas. Uwo akaba aje akurikira uwundi muforoma w’imyaka 26 aheruka gufatwa n’ico kiza, uwo nawe akaba ariko arakurikiranwa, inyuma y’aho yandujwe n’umugabo wo muri Liberia.
Umwidondoro w’uyo yafashwe n’ico kiza ca ebola nturamenyekana, ariko bikavugwa ko nawe ari mu bavuye uwo munyaliberiya Thomas Duncan. Abategetsi bo mu gihugu ca (...)

Muri Reta zunzubumwe z’Amerika habonetse uwundi muntu arwaye indwara ya Ebola, mu gisata c’ubuvuzi.

Uwo muntu abonyweko iyo ndwara akaba akora mu gisata c’abaganga i Texas. Uwo akaba aje akurikira uwundi muforoma w’imyaka 26 aheruka gufatwa n’ico kiza, uwo nawe akaba ariko arakurikiranwa, inyuma y’aho yandujwe n’umugabo wo muri Liberia.

Umwidondoro w’uyo yafashwe n’ico kiza ca ebola nturamenyekana, ariko bikavugwa ko nawe ari mu bavuye uwo munyaliberiya Thomas Duncan. Abategetsi bo mu gihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika bakavuga ko bariko barakurikiranira hagufi uwo yanduye ebola,co kimwe n’abandi bagera kuri 48 bahuye nawe. Ishiraamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS rikavuga koabantu bagera kuri 4447 aribo bamaze guhitanwa na ebola.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
NAYIRUWERA 2014-10-17 12:25:56

Mwoye kuvuga ngo turashira kuko umuti w ibigoranye n ukubishikiriz IMANA. Ibidashoboker abantu bishoboker IMANA. Pole sana nyinyi wenye oga ila Mungu ni muweza kwangu. Mana, garukir umuntu kuko ubwoba buramurembeje gir ic ukoze mubo wiremeye.

2
Bukuru Pascal 2014-10-15 17:21:18

Turashira,ahubwo abashakashatsi nibanyarutse gutora umuti w’ico kiza nahandi ho twebwe abanyafrika tuzohera naburya dusanzwe dufise amikoro make

Kumenyekanisha