Umushingamateka batazira Gihahe asabwa kutaza arisuka mu bijanye n’amashengero

1 12-08-2013 - saa 05:15, IGIHE

Aba siramu bo mu Gatare n’ubu umutima nturasubira mu nda kuva aho umushingamateka Nzigamasabo Jean Baptiste batazira Gihahe, abahungabanirije ku munsi mukuru w’Aid- el Fitri, ndetse hakaba hakiri n’abasiramu babiri bahunze batinya gutabwa muri yompi.
Ivyo vyatanguye ku munsi wa kane igenekerezo rya 8 Myandagaro, igihe umushehe waho mu Gatare ariwe Abdul Kharim yasavye ko umuntu wese yoba ari mu musigiti, ndetse yoba yambaye impuzu ifise ibara ko yoyambura mu ntumbero yo kwubahiriza (...)

Aba siramu bo mu Gatare n’ubu umutima nturasubira mu nda kuva aho umushingamateka Nzigamasabo Jean Baptiste batazira Gihahe, abahungabanirije ku munsi mukuru w’Aid- el Fitri, ndetse hakaba hakiri n’abasiramu babiri bahunze batinya gutabwa muri yompi.

Ivyo vyatanguye ku munsi wa kane igenekerezo rya 8 Myandagaro, igihe umushehe waho mu Gatare ariwe Abdul Kharim yasavye ko umuntu wese yoba ari mu musigiti, ndetse yoba yambaye impuzu ifise ibara ko yoyambura mu ntumbero yo kwubahiriza amabwirizwa abagenga, avuga ko mu gihe c’ugusenga atanumwe yambara impuzu zifise amabara avangavanganye. Muri uyo musigiti rero, harimwo umusore w’imbonerakure, yari yambaye impuzu ifise amabara y’umugambwe CNDD-FDD. Uyo musore w’imbonerakure akaba yarubahirijwe ibisabwe n’uwari arongoye ibirori vy’umunsi mukuru wabo. Muri ako akanya, umwe mu bari mw’isengero yaciye amutiza agapira kera de, aca arambara.

Inyuma y’amasengesho yabo, umwe mu bari mu musigiti, yaciye aja kubarira umushingamateka Nzigamasabo Jean Baptiste batazira Gihahe ko Chehe Abdul Kharim yasavye ko atamusiramu n’umwe arekuriwe kuja mu nama y’umugambwe CNDD-FDD yari iremeshejwe n’uyo Gihahe arikumwe n’umukuru w’umugambwe muri komine Busoni Muvunyi. Umushingamateka Gihahe akaba yaciye aja gufata abo bakuru b’idini ry’abasiramu muri zone Gatare, ndetse aca atangura kubakubita, ndetse aca atumako n’abapolisi baja kubapfunga. Abo basiramu bakaba baciye bamubisira, basubira ku musigiti kubandanya umunsi mukuru wabo mu gihe bari bamaze ikwezi bari mu mapfungo.

Bukeye, abo basiramu bo mu Gatare bavuga ko batigeze bagira Ijuma, amasengesho yo kumunsi wa gatanu, mu gihe umukuru wabo yari yafatiwe kw’Isigu, aje ava muri komine ya Giteranyi. Muri ico gihe akaba yatabawe n’abanyagihugu baho, kuko yari yategerewe n’uwitwa Kamoteri umukuru wa zone Gatare arikumwe na bamwe mu mbonerakure. Abo basiramu bakaba bashimira buramatari w’intara ya Kirundo mu gihe ariwe yasutsemwo mabisi. Ngo iyo ataba we, imbonerakure zari zasabwe kugira uruhigi ku basiramu bo mu gatare. Batumenyesheje ko nabo batari kurera amaboko, ko bari biteguriye gupfira idini. Abo basiramu bakaba basaba umushingamateka Gihahe kuguma muri politike, akareka kwisuka mu bijanye n’itunganywa ry’amashengero.

Umusigiti wo mu Gatare

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
malicel basabose rwasa 2016-12-28 19:26:07

nitwa basabose malicel mvuka mukirundo ubundimuritanzania gihahe ureke ivyo ukora sivyiza udasenze ntachogenda

Kumenyekanisha