Ubutumwa bwo guhoza abakirisu bo mu Kamenge

1 17-09-2014 - saa 12:26, IGIHE

Inyuma y’ubwicanyi bwahitanye ababikira batatu bavuka mu gihugu c’Ubutariyano, abakirisu bo muri paruwasi ya Kamenge bahawe ubutumwa n’abasaserdoti babo.
Muri ubwo butumwa abo bakirisu bahawe inyuma y’ubwicanyi bwahitanye ababikira Lucia, Olga na Bernadette, abapatiri bakaba basavye abo bakirisu ko bosabira abishe abo babikira. Basaba abakirisu bo muri Paruwasi ya Kamenge kuguma bafatanye mu nda, inyuma y’aho bamwe mu banyakamenge bigaragariye ko bashaka kwihanira uwari uwari yafashwe akekwa (...)

Inyuma y’ubwicanyi bwahitanye ababikira batatu bavuka mu gihugu c’Ubutariyano, abakirisu bo muri paruwasi ya Kamenge bahawe ubutumwa n’abasaserdoti babo.

Muri ubwo butumwa abo bakirisu bahawe inyuma y’ubwicanyi bwahitanye ababikira Lucia, Olga na Bernadette, abapatiri bakaba basavye abo bakirisu ko bosabira abishe abo babikira. Basaba abakirisu bo muri Paruwasi ya Kamenge kuguma bafatanye mu nda, inyuma y’aho bamwe mu banyakamenge bigaragariye ko bashaka kwihanira uwari uwari yafashwe akekwa kugandagura abo batamakazi batatu. Abapatiri batanze ubwo butumwa, bakavuga ko bashimishwa n’uko uyu munsi muri iyo komine hatekanye, n’aho agashavu kari kagaragaye muri bamwe mu bakirisu bari bafise amabuye, amahiri n’ibindi bikoresho vyo kwihanira.

Mukamenya ko muri ico gisabisho, umupadiri yagarutse ku majambo yavuzwe n’umubikira yagandaguwe ubwa nyuma ariwe Bernadette, aho yasaba ko abo bicanyi bakwiye gusengerwa, bakigaya akabi bari bahejeje gukora. Bernadette rero akaba atigeze ahunga, kandi yari ahejeje kubona bagenzi we bagandaguwe bunyamaswa, akavuga ko atari buhunge kandi yazanywe n’igikorwa co kumenyekanisha Umukama. Inyuma y’amasaha make,akaba yaciye nawe agandagurwa aciwe izosi.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Cyrille 2014-09-17 14:35:03

Vy’ukuri asangwa ari igihugu c’amahoro abishe bakwiye kuriha paruwase kandi barihe n’imiryango yabuze.Asangwa inka irihwa tumenye ko umuntu asumba inka nyishi.Noneho sumwe gusa!Uwo mwicanyi nibamushire muminwe ya reta yabo banyamahanga bamenye uburyo imwihanira,niko ndavyiyumvira.

Kumenyekanisha