Petero Karaveri yashimiwe mu baharanira agateka ka zina muntu muri EAC

21 27-10-2015 - saa 23:23, Jean De Dieu

Petero Karaveri Mbonimpa asanzwe arongoye ishirahamwe ryitaho agateka ka zina muntu n’akabanyororo APRODH niwe yaronkejwe agashimwe k’abaharanira agateka ka zina muntu muri Afrika y’Ubuseruko (Pan-African Human Rights Defenders schield Award 2015)
Ako gashimwe uyo mutama w’imyaka 66 aharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo mu Burundi yaronse, kakaba katangiwe mu gihugu c’Ubuganda ku murwa mukuru wa Kampala. Petero Karaveri Mbonimpa akaba yaserukiwe n’umunyamabanga nshingwabikorwa wa APRODH (...)


Petero Karaveri Mbonimpa asanzwe arongoye ishirahamwe ryitaho agateka ka zina muntu n’akabanyororo APRODH niwe yaronkejwe agashimwe k’abaharanira agateka ka zina muntu muri Afrika y’Ubuseruko (Pan-African Human Rights Defenders schield Award 2015)

Ako gashimwe uyo mutama w’imyaka 66 aharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo mu Burundi yaronse, kakaba katangiwe mu gihugu c’Ubuganda ku murwa mukuru wa Kampala. Petero Karaveri Mbonimpa akaba yaserukiwe n’umunyamabanga nshingwabikorwa wa APRODH Fabiyano Sinankwakure ari kumwe n’umwe mu bana biwe asanzwe yahungiye muri ico gihugu, Amandine Nasasagare.

Ibirori vyitabwe n’abantu isinzi barimwo abaharanira agateka ka zina muntu muri Afrika y’Ubuseruko, abo mu bice bindi vyo ku mugabane wa Afrika, eka na Buraya.

Tukabamenyesha ko ako gashimwe, Petero Karaveri Mbonimpa akaronkejwe mu gihe ariko avurirwa mu bitaro bimwe vyo mu gihugu c’Ububirigi, inyuma y’aho ahatswe kugandagurwa arashwe kw’itama mu Carama ariko arataha i muhira iwe. Iyo ariko aravurirwa, akaba yemeza ko, niyatora mitende azoca agaruka mu Burundi kubandanya igikorwa yishinze co guharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo.


Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3  

11
Dodo 2015-10-28 15:08:15

MUTAMA NTACO ABANTU BOMWISI TWOGUHA.IMANA YONYENE NIYO IZO KUGORERA.

12
Rosa kamakazi 2015-10-28 14:17:45

ndagukeje karaveri , imana ikuje imbere uwanka yangare.

13
akayezu 2015-10-28 14:03:46

ntanumwe atomushima kuko yerekanye ubutwari mukurwanira abarundibagowe nabatagowe

14
intunva ziriko zigabanuka 2015-10-28 12:57:26

ico gitama gishje kitagirijambo ahubwo yatevye karibuni mugihugu camata nubuki

15
Nimbona Daniel 2015-10-28 10:58:14

Ndamukeje,gusa mfise amakenga kuvyo ateguekanya mu kugaruka azokwitonde abansi bo barakaka.

16
omi 2015-10-28 10:44:25

Ndagukej mugabo nahuzokira,ntuzotahe!!boca bakumaririza!

17
Claude Havyarimana 2015-10-28 07:42:18

Mutama Nibamushimire Arabikwiye Kuko Yakoze Ibikora Inka Naho Bashatse Kumugandagura Imana Yaramuzigamye Ahubwo Nakire Agaruke Kuko Ibikoregwa Mukinyegero Bitamenyekana Ni Vyinshi Ico Azira Harimwo Kiriba Ondess Nayandi Mabi.

18
Claude Havyarimana 2015-10-28 07:40:51

Mutama Nibamushimire Arabikwiye Kuko Yakoze Ibikora Inka Naho Bashatse Kumugandagura Imana Yaramuzigamye Ahubwo Nakire Agaruke Kuko Ibikoregwa Mukinyegero Bitamenyekana Ni Vyinshi Ico Azira Harimwo Kiriba Ondess Nayandi Mabi.

19
Shalom 2015-10-28 05:51:55

Ndagukej nyakubahw kwako gashimw waray urose.vyukur urugakwiy.ark nkundira witonde kugaruka muburundi,uraz kwabasi bawe bakaka.IMANA YOMWIJUR NIBAKIZ MWIBEREHO,ark atari muburundi.

20
SATB 2015-10-28 05:36:04

mutama niwirambire abasi bamaramare

Paji: 1 | 2 | 3  

Kumenyekanisha