Patiri Ntabona : “ Abakoropa ubwenge bw’abantu batuka Imana’’

0 31-07-2013 - saa 06:53, IGIHE

Haraheze iminsi havurwa amashengero yigisha abayoboke babo kutitura abaganga mu gihe baba barwaye, ndetse hakaba benshi bahasiga ubuzima bari mu vyumba vy’amasengesho, mu gihe baba bankiwe kuja kwa muganga ngo indwara barwaye izosengerwa ikire. Ivyo biravurwa mu ntara zitandukanye z’igihugu aho abanyagihugu barwara bakaremba n’ugupfa bagateba bagapfa kuko batashoboye gushika kwa muganga. Hari n’abakenyezi bitaba Imana ngo bariko barasengerwa baze bibaruke neza, mu gihe baba babariwe ko (...)

Haraheze iminsi havurwa amashengero yigisha abayoboke babo kutitura abaganga mu gihe baba barwaye, ndetse hakaba benshi bahasiga ubuzima bari mu vyumba vy’amasengesho, mu gihe baba bankiwe kuja kwa muganga ngo indwara barwaye izosengerwa ikire. Ivyo biravurwa mu ntara zitandukanye z’igihugu aho abanyagihugu barwara bakaremba n’ugupfa bagateba bagapfa kuko batashoboye gushika kwa muganga. Hari n’abakenyezi bitaba Imana ngo bariko barasengerwa baze bibaruke neza, mu gihe baba babariwe ko bazibaruka ari ukwo babanje gukorwa.

Ikinyamakuru IGIHE kikaba cashoboye kwegera Patiri Diriyano Ntabona arongoye Paruwasi Umutima w’Ubwitonzi (Esprit de Sagesse), kugira atubarire vy’ukuri intumbero abemera Imana bakwiye gufata, mu bijanye n’ukwemera kurimwo ubwenge Imana yaduhaye, bakareka gukurikira nk’Intama.

Patiri Ntabona amenyesha ko Uburundi ari igihugu c’Imana, kandi abarundi bakunda Imana. Ati abarundi twarategereye rwose ko Yezu Kirisu yaje kugira adutahuze Imana tutashoboye kubona ariko tugaheza tukayibona duciye ku Mwana wayo ikunda cane Yezu Kirisu.

Abandanya avuga ko ukwo gukunda Imana kw’abarundi, gutuma hari abaca bikika mu kiza bagafata mpiri abayoboke babo, mu kwironderera amaronko ariko badakoresheje izina ry’Umwana w’Imana. Abo bigisha ukwo rero ngo baraheza bakagunda nk’inkoko abayoboke babo, bakabigisha gukurikira nk’intama, ico abigisha babo babigishije kikaba ico, ico badashatse ko gikorwa ntigikorwe. Ubwenge bw’abo bakabuheba, bakabusubiriza n’ubwenge bwa ba bandi bishizemwo ko aribo baserukira Imana. Hari n’abibaza ko abo babigisha ko aribo Mana, bagaheza bagakoropa ubwenge bw’abo bari bashinzwe kwereka inzira nziza irora ku Mana.

Patiri Ntabona asaba ko uwukunda Yezu Kirisu wese akwiye kubogora abo bantu, kuko Yezu yaje kubohora abantu ngo abahe ukwishira n’ukwizana. Ico rero kikaba ari naco catumye Umwana w’Imana arwanya abafarizayo, kuko babohesha abantu udutegeko tw’abo, bagashaka kubibagiza amateka y’Imana, ndetse abo bafarizayo nyene nibo bahavuye bica Umwana w’Imana.

Patiri Diriyano Ntabona avuga ko abantu bata ubwigenge bw’abo bayovya bishizemwo ko abaserukira Imana bagera mu buzima bwabo. Batabanje kubaza uwo mwigisha ntaco bemera. N’iyo barwaye uwo akaba ariwe aseruka, akabashira mu bisabisho bagira ngo birakiza, ugasanga barinuba abaganga. Muganga atanze imiti wa murwayi ntayinywe, n’aho yoremba akagumana ukwizera ko azokizwa nawa muntu w’Imana.

Patiri Ntabona rero avuga ko Imana ica mu baganga mu kuvura abantu no mu kubakiza, ari naco gituma abantu badakwiye gukurikira nk’intama, bakwiye kumenya ko muganga atanga umuti akoresheje ubwenge yahawe n’Imana, kandi uwo muti ugakiza. Abantu rero babuza abayoboke babo kuja kwa muganga, bamenye ko bageza Imana. Abo nyene babwira abarwayi ko amasengesho yo nyene ariyo akiza, batuka Imana. Ati : "Abantu benshi barihaye ububasha bwo kwivuga ko basengera abantu bagakira. Patiri Ntabona amenyesha ko ububasha nk’ubwo ababufise ari bake cane ariko bariho. Abaswaganya nabo baciye barwira, binyegeje inyuma y’ingorane zagiye ziraba mu gihugu, n’izindi z’ubukene. Abemera Imana rero bakwiye guca ubwenge bakareka kugamburukira abantu mwene abo babahenda kandi bafise ubwenge baherewe n’Imana.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha