Patiri Joseph NTAWUYANKIRA yitavye Imana

4 30-07-2014 - saa 09:19, IGIHE

Patiri Joseph NTAWUYANKIRA yahora ajejwe ivyirwa (Directeur Académique) ku seminari nkuru yitiriwe Papa Yohani Pawuro wa kabiri, iri i Songa muri komine Gitega, akaba kandi n’umuyobozi w’ishure kaminuza ry’imyuga ry’i Gitega (Recteur de l’Université Polytechnique de Gitega) yitavye Imana kuri uwu wa gatandatu.
Patiri Joseph NTAWUYANKIRA yavukiye kuri paruwasi Mbogora iri mu ntara ya Gitega, mu mwaka w’1964. Muri kaminuza yakurikiranye amashure ya philosophie, mu nyuma aronka impamyabushobozi (...)

Patiri Joseph NTAWUYANKIRA yahora ajejwe ivyirwa (Directeur Académique) ku seminari nkuru yitiriwe Papa Yohani Pawuro wa kabiri, iri i Songa muri komine Gitega, akaba kandi n’umuyobozi w’ishure kaminuza ry’imyuga ry’i Gitega (Recteur de l’Université Polytechnique de Gitega) yitavye Imana kuri uwu wa gatandatu.

Patiri Joseph NTAWUYANKIRA yavukiye kuri paruwasi Mbogora iri mu ntara ya Gitega, mu mwaka w’1964. Muri kaminuza yakurikiranye amashure ya philosophie, mu nyuma aronka impamyabushobozi "Doctorat" mu bijanye n’inyigisho ndoramana "Théologie".

JPEG - 17 ko
Patiri Joseph NTAWUYANKIRA

Yitavye Imana kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 26 Mukakaro 2014, igihe yari agiye gusoma imisa y’umukwanguro (imisa ya mbere umupatiri asoma ahawe iryo banga), ya mugenzi wiwe yaheruka kwatirwa mu busaseredoti. Amakuru dufise avuga ko yitavye Imana bivuye ku ngwara y’umutima yari asanzwe arwaye.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
P.claver Nduwimana 2015-01-11 11:49:24

Imana imwakire mu buninahazwa bwayo. Turahojeje umuryango wiwe.

2
2014-10-31 18:13:20

IMANA YASHIMYE KUMWIYEGEREZA KUGIRANGO ANEZERWE HAMWE NAYO? NININAHAZWE GUKO ARIKO ARASABIRA ABANTU BOSE BAKIRI KWISI? NANJE UNSABIRE PATI IYO URI MWIJURU.

3
Barantandikiye Leonidas 2014-08-18 11:40:43

NTITUKIHEBURE IMANA IZOBANDANYA KUTUBERA UMWUNGERE KUKO NAKARE "NTAWUYANKIRA".NKUMWE MUBO YARAREZE KURI KAMINUZA YARARONGOYE, N’UMUBABARO UKIBANDANYA KUKO NABAYE NKIMWE MU NTAMA ZIBUZE UMWUNGERE.KUBERA RERO UBUTWARI BWIWE MUKWITAHO ITERAMBERE(MU VY’UMUTIMA N’UMUBIRI NYENE),BUTUBERE AKARORERO KEZA MUKUBA NKAWE,DUTAKAMBIRE IMANA KANDI IMURONSE IMPERA IBEREYE,IDUHE KANDI UMUSUBIRIZI WIWE W’INTWARI NKAWE,MURAKOZE!

4
Joel Nzeyimana 2014-07-30 21:39:57

Imana imwakire imuhe uburuhukiro buhoraho imyakanimyaka Amen

Kumenyekanisha