OMS : Abandura ebola biyongera uko bukeye uko bwije

0 17-10-2014 - saa 11:04, IGIHE

Ishirahamwe OMS rimenyesha ko ririko rikurikiranira hagufi ibihugu 15 bisanzwe bigenderanira cane n’ibihugu vyo muri Afrika bifise umugera wa Ebola.
Muganga Isabelle Nuttal wo muri OMS akavuga ko ivyo bihugu ari ibisangiye imbibe na Liberia, Sierra Leone na Guinee, eka n’ibisanzwe bigenderanira cane. Iryo jisho ico gisata ca ONU kijejwe amagara y’abantu kw’isi rero kikazoshinga ivyo bihugu, mu ntumero yo gutuza uwo mugera usa n’uwuriko urakwira isi yose, aho ubu ugeze muri Reta zunzubumwe (...)

Ishirahamwe OMS rimenyesha ko ririko rikurikiranira hagufi ibihugu 15 bisanzwe bigenderanira cane n’ibihugu vyo muri Afrika bifise umugera wa Ebola.

Muganga Isabelle Nuttal wo muri OMS akavuga ko ivyo bihugu ari ibisangiye imbibe na Liberia, Sierra Leone na Guinee, eka n’ibisanzwe bigenderanira cane. Iryo jisho ico gisata ca ONU kijejwe amagara y’abantu kw’isi rero kikazoshinga ivyo bihugu, mu ntumero yo gutuza uwo mugera usa n’uwuriko urakwira isi yose, aho ubu ugeze muri Reta zunzubumwe z’Amerika.

Muganga Isabelle Nuttal wo muri OMS akaba yabariye abamenyesha makuru ko abariko barandura uwo mugera wa ebola baguma biyongera aho kugabanuka, ivyo bikabatera impungenge mu gihe abandura buri kwezi, biyongera incuro zibiri.

Igihugu c’Ubufaransa co, kikavuga ko ubu kigiye gutangura gusuzuma abava mu gihugu ca Guinee bose, ibikorwa bikazoza birabera ahiherereye ku bibuga vy’indege.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha