Makamba : Umugambi mushasha wo kuvurira muhira indwara ya Malaria

0 5-11-2014 - saa 14:13, IGIHE

Umugambi wo kuvura indwara ya Malaria muhira watangujwe icese mu ntara ya MAKAMBA. Uwo mugambi wo kuvura abana bafise imyaka iri hagati y’amezi abiri n’amezi 59, ni umugambi mushasha w’umugambi wa IADH (Inititaive d’Appui au Développement Humain Durable) usanzwe ukorera mu ntara ya Makamba.
Uwo mugambi wo kuvurira indwara ya Malaria muhira watangujwe muri komine Kayogoro, na muganga Evariste Kwizera, intumwa idasanzwe y’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya umugera wa Sida. Ibikoresho (...)

Umugambi wo kuvura indwara ya Malaria muhira watangujwe icese mu ntara ya MAKAMBA. Uwo mugambi wo kuvura abana bafise imyaka iri hagati y’amezi abiri n’amezi 59, ni umugambi mushasha w’umugambi wa IADH (Inititaive d’Appui au Développement Humain Durable) usanzwe ukorera mu ntara ya Makamba.

Uwo mugambi wo kuvurira indwara ya Malaria muhira watangujwe muri komine Kayogoro, na muganga Evariste Kwizera, intumwa idasanzwe y’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya umugera wa Sida. Ibikoresho vyo kwa muganga bizokoreshwa muri uwo mugambi vyatanzwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.

Uwo mugambi ukazogirira akamaro abanyagihugu b’aho i Makamba kuko uzotuma abasanzwe bahitanwa n’iyo ndwara bagabanuka. Ya ngorane y’urugendo rurerure mu kujana abo bana kwa muganga rugiye kugabanuka, kuko abaganga bo muri uwo mugambi bazokora ku muhana ku muhana. Aba mbere mubaronse ivyo bikoresho ni abasanzwe bakora mu gisata c’amagara y’abantu ariko baba kure y’ibitaro n’amavuriro.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha