Kwonsa umwana neza, kimwe mu bikomeza ikibondo

0 12-10-2014 - saa 11:19, IGIHE

Abavyeyi bose basabwa kwonsa umwana cane cane mu mezi atandatu ya mbere ata kindi kintu na kimwe bamuhaye, ivyo bigatuma umwana akura neza.
Nk’uko abagabga babivuga, umwana atonkejwe neza, aragwaragurika, ndetse ntaheza ngo agire ubwenge bukwiye. Abavyeyi rero bakamenyeshwa ko amaberebere yikwije kuko afise imfungurwa zikwije, ndetse afitiye akamaro kanini amagara y’umwana. Amaberebere rero nk’uko abaganga babandanya babishikiriza, akaba arimwo amavitamine y’ubwoko bwose co kimwe n’ ibinure (...)

Abavyeyi bose basabwa kwonsa umwana cane cane mu mezi atandatu ya mbere ata kindi kintu na kimwe bamuhaye, ivyo bigatuma umwana akura neza.

Nk’uko abagabga babivuga, umwana atonkejwe neza, aragwaragurika, ndetse ntaheza ngo agire ubwenge bukwiye. Abavyeyi rero bakamenyeshwa ko amaberebere yikwije kuko afise imfungurwa zikwije, ndetse afitiye akamaro kanini amagara y’umwana. Amaberebere rero nk’uko abaganga babandanya babishikiriza, akaba arimwo amavitamine y’ubwoko bwose co kimwe n’ ibinure biri ku rugero rukwiye, ivyunyunyu bita fer na calcium.

Mwomenya ko amavuriro atandukanye yo mu gihugu yigisha abakenyezi bimwe mu bituma umwana akomera, agakura neza, harimwo kumwonsa amezi atandatu atakintu na kimwe umuvangiye, kuko insogi ziwe zitaba zirashobora guhingura izindi mfungurwa atari amaberebere.

Ariko rero urugero rwo kwonsa abana neza rukaba rutera rugabanuka, bimwe bigaterwa n’ubuzima buzimvye aho abantu bose harimwo n’abakenyezi bazinduka biruka barondera icorirenza.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha