Impanuro umuntu yokoresha mukwirinda indwara ya « Grippe »

4 27-12-2014 - saa 18:45, IGIHE

Indwara y’ibicurane izwi kw’izina rya « Grippe », n’indwara iterwa n’umugera witwa “Influenza virus”. N’indwara ibabaza kandi isinzikaza ningoga umubiri mu gihe itavuwe kare. Mu bushakashatsi bwakozwe ku ndwara ya grippe, mu migera ishika 200 itera iyo ndwara, hariho iyituma umuntu yumva afise ubukanye bwinshi nkaho umunga yoba arwaye indwara ya marariya.
Abantu babangamirwa n’iyo ndwara kurusha abandi, n’abafise imyaka iri hejuru ya 65, abagendana umugera wa SIDA, abafise indwara y’igisukari, (...)

Indwara y’ibicurane izwi kw’izina rya « Grippe », n’indwara iterwa n’umugera witwa “Influenza virus”. N’indwara ibabaza kandi isinzikaza ningoga umubiri mu gihe itavuwe kare.

Mu bushakashatsi bwakozwe ku ndwara ya grippe, mu migera ishika 200 itera iyo ndwara, hariho iyituma umuntu yumva afise ubukanye bwinshi nkaho umunga yoba arwaye indwara ya marariya.

Abantu babangamirwa n’iyo ndwara kurusha abandi, n’abafise imyaka iri hejuru ya 65, abagendana umugera wa SIDA, abafise indwara y’igisukari, abana bari munsi y’imyaka ibiri, abafise ubuvyibuhe burengeje, abama kenshi hafi y’ingurube, n’abagore bibungenze kuko bishobora no gutuma umwana avukana ubumuga (Malformation foetale).

Kugira umuntu amenye ko yoba yanduye indwara ya grippe, hari ibimenyetso ashobora kubibonerako. Aho twovuga nko kugira ubushuhe buri hejuru ya 39 (39°C), iyo umuriro afise ugabanutse naho akabira ivyuya vyinshi, kumeneka umutwe birengeje, kugira ububabare mw’ihwaniro ry’amagufa (articulations), kugira uburuhe burengeje, gukorora cane, kugira ububabare mu muhogo, kwimyira kenshi, kugira iseseme, kuyorwa na cane cane ku bana bato, kubura akayabagu, n’ibindi.
Abaganga banonosoye indwara ya grippe, bavuga ko ari indwara ishobora gukwega n’izindi ndwara nka hasima, mu gihe itavuwe kare. N’indwara yandukira hagati y’iminsi 4 gushika kuri 5, ikandukira cane cane biciye mu mate y’umuntu.
Kubera ko abantu bose badafise imibiri imwe, hari abayimarana iminsi nka 10, n’abandi bashobora kuyimarana indwi 2 zirenga.

Bimwe muvyokorwa kugira umuntu ayirinde, nukwama yitwararika kunywa ibintu bishushe, kwoga rimwe rimwe amazi ashushe, gukaraba iminsi mu ntoke, kugirira isuku ikintu cose umuntu agire akoreshe, kumesura kenshi amashuka umuntu ararako, gufatisha umunwa agatambara kamneshe igihe cose agire yasamure canke agire akorore, kwambara imbuzu zipfuka umubiri no kuruhuka.

Mu gihe yoba yamaze kuyandura, bihanuwe kuguma mu nzu, kunywa amazi y’indimu, kunywa icayi, kunywa mazi menshi no gufata imiti iyivura.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Jérémie 2016-12-07 21:32:42

Nukuri Muragize Neza Ntubipfurije Amagara Meza Mushishikare Kutwigisha Nibindi.

2
gloire 2015-03-30 12:19:56

murakoze !
ariko kandi nukumenya neza ugituma kumisi wa 3 cank wa 4 ibiseru bisigara binuka gushika naho uwubirwy ariyumva ko binuka.,nirya mbere nrwaye grippe imeze uko.ico Nico cantey ubwoba:sa mauvaise odeur. sinzi kwabandi bavyumvise bien sûr abamaze kuyirwara

3
Souleymane NDIKUMANA 2014-12-30 08:10:57

Nukuri turabashimiye cane kumpanuro muduhaye y’ukwikingira "Grippe" n’ukugene uwuyirwaye yokwigenza kuko mfise umugenzi ayirwaye.

4
Barumwete 2014-12-28 07:23:04

Murakoze cane kumpanuro muduhaye z’ukwikingira grippe

Kumenyekanisha