Ibice 16 kw’ijana vy’abantu nibo bafise ubuzu bwa surwumwe

0 20-11-2014 - saa 12:41, IGIHE

Ibice 16 kw’ijana vy’ingo mu Burundi nibo batunze ubuzu bwa surwumwe nk’uko bimenyeshwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi.
Mu gisagara ca Bujumbura hakaba naho nyene hari ibice vyinshi vy’abantu batagira ubuzu bwa surwumwe, muri amwe mu makaratiye naho, bikagaragara ko ubuzu bwa surwumwe budahari, ubuhari nabwo bugasangirwa na benshi. Ahasanzwe hahagarara imiduga yunguruza abantu ntihagira ubuzu bwa surwumwe, ndetse kenshi ugasanga hafi y’aho iyo miduga ihagarara huzuye (...)

Ibice 16 kw’ijana vy’ingo mu Burundi nibo batunze ubuzu bwa surwumwe nk’uko bimenyeshwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi.

Mu gisagara ca Bujumbura hakaba naho nyene hari ibice vyinshi vy’abantu batagira ubuzu bwa surwumwe, muri amwe mu makaratiye naho, bikagaragara ko ubuzu bwa surwumwe budahari, ubuhari nabwo bugasangirwa na benshi. Ahasanzwe hahagarara imiduga yunguruza abantu ntihagira ubuzu bwa surwumwe, ndetse kenshi ugasanga hafi y’aho iyo miduga ihagarara huzuye amazirantoke canke ugasanga ariho bihagarika abarengana bose.

Ivyo bikaba biri uko, mu gihe mu makomine nka Buyenzi bivugwa ko abanyagihugu baho basangira akazu ka surwumwe ari benshi.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha