Habonetse umurwayi wa Ebola mu Bwongereza

0 30-12-2014 - saa 11:39, IGIHE

Umwe mu baganga ba bongereza bari bagiye gufasha mu kugwanya ikiza ca Ebola muri Sierra Leone, yerakanye ibimenyetso vy’ico kiza amaze gusubira mu gihugu ciwe c’amavukiro.
Nkuko ikinyamakuru ’’Le point’’ ca bimenyesheje, uwo muganga amaze kuganuka mu gihugu ciwe c’amavukiro ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana, igenekerezo rya 28 Kigarama 2014, baramukoreye ibipimo ariko gusanga nawe afise ibimenyetso vya Ebola. Uwo mupfasoni akomoka mu bwongereza akaba ariko aravugwa ndetse n’amatohoza akaba yatanguye (...)

Umwe mu baganga ba bongereza bari bagiye gufasha mu kugwanya ikiza ca Ebola muri Sierra Leone, yerakanye ibimenyetso vy’ico kiza amaze gusubira mu gihugu ciwe c’amavukiro.

Nkuko ikinyamakuru ’’Le point’’ ca bimenyesheje, uwo muganga amaze kuganuka mu gihugu ciwe c’amavukiro ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana, igenekerezo rya 28 Kigarama 2014, baramukoreye ibipimo ariko gusanga nawe afise ibimenyetso vya Ebola. Uwo mupfasoni akomoka mu bwongereza akaba ariko aravugwa ndetse n’amatohoza akaba yatanguye kugira bamenye abantu bashobora kuba baragiraniye imigenderanire nuyo mugwayi kugira nabo bakoregwe ibipimo.

Tukabibutsa ko ico kiza ca Ebola ushobora kucandura igihe cose habaye imigenderanire n’uwugwaye. Sierra Leonce kikaba ari igihugu kimwe muri Afrika casinzikajwe n’ikiza ca Ebola aho ibiharuro bashize ahabona vyerekana ko abantu bagera ku bihumbi icenda(9000) aribo bamaze kwandura muri ino mwaka buca dusozora wa 2014.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha