Gahombo : Imiti ikekwa kuba ikoreshwa n’abayoboke ba Zebiya yafashwe

3 19-06-2014 - saa 12:47, IGIHE

Imwe mu miti, imfungurwa hamwe n’impuzu nivyo vyafashwe n’igiporisi mw’isakwa ryagizwe ku musozi wa Businde Nyagatovu, hafi y’ahahora habera amasengesho y’umwigeme yitwa Zebiya Ngendakumana.
Iryo sakwa rero rikaba ryabereye mu gacimbiri ka Kabenga wo ku musozi wa Businde Nyagatovu muri komine ya Gahombo mu ntara ya Kayanza, mu muhana umwe, haca hatorwayo iyo miti co kimwe n’impuzu hamwe n’ibifungurwa.
Mu ntwaro aho mu Kayanza, bavuga ko ivyo vyafashwe, vyoba ari ibisanzwe bikoreshwa na bamwe mu (...)

Imwe mu miti, imfungurwa hamwe n’impuzu nivyo vyafashwe n’igiporisi mw’isakwa ryagizwe ku musozi wa Businde Nyagatovu, hafi y’ahahora habera amasengesho y’umwigeme yitwa Zebiya Ngendakumana.

Iryo sakwa rero rikaba ryabereye mu gacimbiri ka Kabenga wo ku musozi wa Businde Nyagatovu muri komine ya Gahombo mu ntara ya Kayanza, mu muhana umwe, haca hatorwayo iyo miti co kimwe n’impuzu hamwe n’ibifungurwa.

Mu ntwaro aho mu Kayanza, bavuga ko ivyo vyafashwe, vyoba ari ibisanzwe bikoreshwa na bamwe mu bayoboke ba wa mwigeme Zebiya Ngendakumana, asanzwe avuga ko abonekerwa na Bikira Mariya.

Mwomenya ko kuva hafashwe ingingo yo guhagarika amasengesho kuri uwo musozi, n’ubu bamwe mu bayoboke b’uyo mwigeme bagenda kamwe kamwe, naho badashobora gushika kuri uwo musozi, kuko hafashwe ingingo yo kuhacungera bikwiriye, mbere ico kibanza basengeramwo kikaba cahindutse ikirindiro ca gisirikare.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
MAZAMEZA 2014-06-21 12:05:06

Genda mufate za nkoho mwaha imbonerakure nazo? Zebiya niwe mubona ateye ingorane mu gihugu?Kandi na Nduwimana numuyoboke wiwe,none ariko aramutoteza. Murabuze ico mukina mukina n’Imana.

2
hagwe 2014-06-19 16:23:12

mbe none gufata imiti n’ibifungurwa vyo vyabajemwo gute?brutalité yanyu(aba polisi)isigaje umwanya urume rumara

3
Kuri 2014-06-19 13:39:01

MWA UZE IVYO MUVUGA?

Kumenyekanisha