Ebola : Uwararongoye intumwa za ONU muri Guineée yitavye Imana

2 18-11-2014 - saa 16:41, IGIHE

Uwararongoye intumwa za ONU ,ziri gufasha kurwanya indwara ya Ebola mu gihugu ca Guinée yitavye Imana kuri uno wa mbere.
Uwo nawe yari umunyarwanda azwi kw’izina rya Marcel Rudasingwa, akaba yari yagenwe mu kwezi kwa Gitugutu uno mwaka n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban ki Moon. Marcel Rudasingwa yaturuka mu gihugu c’ Urwanda ,akaba yitavye Imana afise imyaka 59 y’amavuko. Umwe mu bakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU akavuga ko atigeze avuga ko hari n’aho yumva ababara. (...)

Uwararongoye intumwa za ONU ,ziri gufasha kurwanya indwara ya Ebola mu gihugu ca Guinée yitavye Imana kuri uno wa mbere.

Uwo nawe yari umunyarwanda azwi kw’izina rya Marcel Rudasingwa, akaba yari yagenwe mu kwezi kwa Gitugutu uno mwaka n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban ki Moon. Marcel Rudasingwa yaturuka mu gihugu c’ Urwanda ,akaba yitavye Imana afise imyaka 59 y’amavuko. Umwe mu bakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU akavuga ko atigeze avuga ko hari n’aho yumva ababara. Bakaba barindiriye ibipimo vyo kwa muganga bimenyeshe icamuhitanye icari co. Ariko amakuru ava muri Reta yo, yoba avuga ko yoba yahitanywe n’indwara y’umutima.

Tubamenyeshe ko uwo muhisi yari amaze imyaka 20 yose akorera mu bihugu bitandukanye vyo muri Afrika, nko mu gihugu ca Kenya, Mali hamwe na Guinee. Uwo muhisi kandi yarakoze mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka k’abana UNICEF.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
dumbuli 2014-11-20 12:20:16

Ariko Rwose wowe wiyita Kabuga uri muzima Ni nde wakubwiye ko umunyarwanda upfuye aba Azize abagizi ba nabi Kagame ni Perezida wubashywe ufite aho ashikanye igihugu kdi abanyagihugu bizigiye wowe umwita umwicanyi nkande Ntunamuzi ni ukumwumva gusa ujye usigura ivyo uzi mugabo

2
kabuga 2014-11-20 08:08:59

ivy’abanyarwanda ntawovyishinga usanga ari kagame yamwivuganye ubona ko incabwenge zo mu rwanda azimarisha twa tuzi twa Général Jack Nziza

Kumenyekanisha