Ebola : Tanzaniya isaba ibihugu bibanyi gukomeza gucungera imbibe.

2 2-12-2014 - saa 17:05, IGIHE

Abategetsi bo mu gisata c’ubuvuzi mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya bahamagarira ibindi bihugu bihurukiye mu karere k’ Afrika y’Ubuseruko gukomeza gucungera imbibe, ikiza Ebola ntikibinjirane.
Mu gihe ,bariko bugurura ibikorwa vy’inama yama iba buri mwaka y’sihirahamwe rijejwe ivy’ubuvuzi ririmwo ibihugu vyo mu karere k’ Afrika y’Ubuseruko, Afrika yo Hagati ha Afrika yo mu Bumanuko, yariko ibera mu gihugu ca Tanzaniya , umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu aho muri (...)

Abategetsi bo mu gisata c’ubuvuzi mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya bahamagarira ibindi bihugu bihurukiye mu karere k’ Afrika y’Ubuseruko gukomeza gucungera imbibe, ikiza Ebola ntikibinjirane.

Mu gihe ,bariko bugurura ibikorwa vy’inama yama iba buri mwaka y’sihirahamwe rijejwe ivy’ubuvuzi ririmwo ibihugu vyo mu karere k’ Afrika y’Ubuseruko, Afrika yo Hagati ha Afrika yo mu Bumanuko, yariko ibera mu gihugu ca Tanzaniya , umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu aho muri Tanzaniya Donald Mmbando, amenyesha ko abahinga muri ako karere bakwiye gucungera bidasanzwe ku mbibe kugira ico kiza Ebola ntigikwiragire mu karere.

Abandanya avuga ko nimba atamuntu n’umwe aragaragarako indwara ya Ebola mu karere k’ Afrika y’Ubuseruko, hari iyindi ndwara yibonekeje ishaka gushusha na Ebola iyo nayo ikaba yitwa Marburg.

Mu kwezi kwa Gitugutu, akarere k’ Afrika y’Ubuseruko kamenyesheje ko kashoboye kwegeranya amafranga agera ku 750.000 y’amadorari yo gukinga Ebola

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Girukwayo Pierre 2014-12-03 14:13:05

Ncuti Zacu,yemwe Mukunda Afrika Mwese Nacanecane Abanyafrika,tuje Kumavi Dusenge Kuko Izo Ndwara Zirateranye Amakenga.Mbe Ubu Ntimubona Ko Tugeze Mubihe Vyanyuma?

2
So 2014-12-02 18:23:09

Tanzania irakoze, ntakudehukirwa muganiwabo Ngo hakuna kurara.

Kumenyekanisha