Ebola : Inyigisho ku bakozi 150 bo mu gisata c’ubuvuzi

0 24-11-2014 - saa 15:12, IGIHE

Ishirahamwe CEDEAO rimenyesha ko ryatanguye gutanga inyigisho ku bantu 150 mu ntumbero yo kurwanya ca kiza Ebola kimaze igihe gisasika inganda mu turere two muri Afrika y’uburengero, na cane cane ibihugu bigeramiwe kurusha ibindi nka Guinée, Liberia, hamwe na Sierra Leone.
Abakozi bo mu buvuzi bo mu bihugu bitandatu biri mw’ishirahamwe CEDEAO akaba aribo bahabwa izo nyigisho i Accra , imbere yuko baheza bakarungikwa mu bihugu vyasizikajwe n’ico kiza, nk’uko biri muri iryo tangazo rya CEDEAO (...)

Ishirahamwe CEDEAO rimenyesha ko ryatanguye gutanga inyigisho ku bantu 150 mu ntumbero yo kurwanya ca kiza Ebola kimaze igihe gisasika inganda mu turere two muri Afrika y’uburengero, na cane cane ibihugu bigeramiwe kurusha ibindi nka Guinée, Liberia, hamwe na Sierra Leone.

Abakozi bo mu buvuzi bo mu bihugu bitandatu biri mw’ishirahamwe CEDEAO akaba aribo bahabwa izo nyigisho i Accra , imbere yuko baheza bakarungikwa mu bihugu vyasizikajwe n’ico kiza, nk’uko biri muri iryo tangazo rya CEDEAO ryasohotse kuri uno w’ Imana. Iryo tangazo nyene ribandanya rivuga ko abazohabwa inyigisho z’iyo minsi itanu ,basanzwe baturuka mu bihugu vya Niger, Cote d’ Ivoire, Ghana, Nigeria hamwe na Mali.

Ivyo rero bikaba vyavuye mu nama ya nyuma yabaye hagati y’abashikiranganji b’amagara y’abantu b’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe CEDEAO, iyo nama ari nayo yasavye ko hokwongerezwa ubushobozi bw’abaganga, kugira bikunde barwanye ico kiza ca Ebola.

Tukabamenyeshe ko ibiharuro vy’abamaze kwitaba Imana bigeze ku bihumbi bitanu n’amajana ane, guhera mu ntango z’uno mwaka w’2014, na cane cane mu karere ka Afrika y’uburengero, kandi abanduye bagera ku bihumbi cumi na bitanu.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha