Butaganzwa : Abanyagihugu bamenyesha ko bagira urugendo rurerure baja kwa muganga

0 13-03-2014 - saa 07:45, IGIHE

Abanyagihugu ba komine ya Butaganzwa mu ntara ya Ruyigi, bamenyesha ko bagira urugendo rurerure cane, kugira bashobore gushika kwa muganga, ndetse bikabagora n’uko bashikana abaremvye aho bivuriza.
Abo banyagihugu rero bakamenyesha ko, bafise ingorane z’ingene abarwayi barungikwa kwivuriza mu bitaro bikuru vy’i Butezi navyo biri ku birometero 90 uvuye i Butaganzwa, mu gihe hari ibitaro biri hafi y’aho, ku birometero 20 gusa, ivyo navyo, bikaba ari ibitaro vyo ku mugwa mukuru w’intara ya (...)

Abanyagihugu ba komine ya Butaganzwa mu ntara ya Ruyigi, bamenyesha ko bagira urugendo rurerure cane, kugira bashobore gushika kwa muganga, ndetse bikabagora n’uko bashikana abaremvye aho bivuriza.

Abo banyagihugu rero bakamenyesha ko, bafise ingorane z’ingene abarwayi barungikwa kwivuriza mu bitaro bikuru vy’i Butezi navyo biri ku birometero 90 uvuye i Butaganzwa, mu gihe hari ibitaro biri hafi y’aho, ku birometero 20 gusa, ivyo navyo, bikaba ari ibitaro vyo ku mugwa mukuru w’intara ya Ruyigi. Abo banyagihugu bo mu ntara ya Ruyigi rero, bakavuga ko nk’umurwayi yamaze kuremba, akajanwa urugendo rungana n’ibirometero 90, atakibuza ko yonacikanira mu nzira.

Abo banyagihugu bo mu ntara ya Ruyigi muri komine ya Butaganzwa, basaba abajejwe igisata c’amagara y’abantu, gukurikirana ico kibazo kuko kiri mu biraje ishinga abamagara y’abo. Bavuga ko bogabanirizwa urugendo bakaza bararungikwa kwivuriza ku mugwa mukuru w’iyo ntara , aho gusubira kurungikwa i Butezi ku birometero 90.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha