Businde : Batanu mu bayoboke ba Zebiya bari mu minwe y’igiporisi

2 31-03-2014 - saa 07:48, IGIHE

Abayoboke batanu ba Zebiya Ngendakumana bapfungiwe mu giporisi mu ntara ya Kayanza, inyuma y’aho bafatiwe ku mutumba Kabenga, bavuye gusengera i Businde mu kibanza bita ko ari ceranda.
Abayoboke bagera ku majana ane b’umwigeme Zebiya Ngendakumana avuga ko ahora abonekerwa na Bikira Mariya bafashe ku munsi w’ejo kuw’Imana inzira ibashikana i Businde mu kibanza bita ceranda. Barahamaze umwanya muto bahasengera, baca basubira inyuma. Bageze ku mutumba Kabenga, batanu muribo barafashwe n’igiporisi (...)

Abayoboke batanu ba Zebiya Ngendakumana bapfungiwe mu giporisi mu ntara ya Kayanza, inyuma y’aho bafatiwe ku mutumba Kabenga, bavuye gusengera i Businde mu kibanza bita ko ari ceranda.

Abayoboke bagera ku majana ane b’umwigeme Zebiya Ngendakumana avuga ko ahora abonekerwa na Bikira Mariya bafashe ku munsi w’ejo kuw’Imana inzira ibashikana i Businde mu kibanza bita ceranda. Barahamaze umwanya muto bahasengera, baca basubira inyuma. Bageze ku mutumba Kabenga, batanu muribo barafashwe n’igiporisi baca bajanwa gupfungirwa mu Kayanza.

Mu giporisi c’inyamiramabi mu ntara ya Kayanza bamenyesha ko batanguye gukorera amadosiye abo bafashwe, bakamenyesha ko mukuja muri ico kibanza c’i Businde ku munsi w’ejo baciye muryahumye abaporisi, kuko vyari bimenyerewe ko bajayo ku magenekerezo ya 12 uko ukwezi gutashe.

Mwokwibuka ko Reta y’Uburundi yafashe ingingo yo kwugara ikibanza c’i Businde, kiri ku musozi Nyagatobo, komine Gahombo intara ya Kayanza, ikibanza abayoboka Zebiya Ngendakumana bahora baja guhuriramwo bacita ceranda. Iyo ngingo yafashwe n’abajejwe umutekano ku rwego rwo hejuru, inyuma y’aho umutekano abo bayoboke bataniye mu mitwe n’abaporisi, abatari bake muri abo bayoboke barahasiga ubuzima, abandi barakomereka.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Barayavugaremy 2014-10-08 19:32:52

Birateyamakenga, nagirambarire abemerimanako, bibiriya,itubwirako mugiheciherezo hazozaabantubiyita kristu,nukuhagabira,musabemutimamwerandaabamurikire .

2
BAZOGENDA BARARWIRA 2014-03-31 14:39:22

none kw’ari intumva!..
Ni bakumbure bareke gusenga ibintazi.

Imana nzima iriho, ariko bo bahisemwo gukurikira ubwije!!

Ni bahindukire,bagaruke ku mukama,na we arabakira.

Kumenyekanisha