Burundi: Aba Islamu barakenguruka umwidegemvyo bafise mu kwemera kwabo

1 24-10-2013 - saa 02:25, IGIHE

Aba Islamu bo mu Burundi barashima kubona bafise umwidegemvyo mu kwemera kwabo. Ikimenyamenya, ni ukwo Leta y’Uburundi yagiye irabemerera guhimbaza iminsi mikuru yemerwa n’igitabu cabo Korowani.
Saïdi Juma avuga ko anezerezwa cane n’ingene ibikorwa vy’idini rya Islamu mu Burundi bitera bija imbere n’aho rimwe rimwe gacamwo, ibere rikayaga kuko bamwe mu ndongozi bishika bagashira inyungu zabo imbere, hagaca haba ukutumvikana. Ariko kandi avuga ko Leta ishigikira cane ibikorwa vy’iryo dini kuko (...)

Aba Islamu bo mu Burundi barashima kubona bafise umwidegemvyo mu kwemera kwabo. Ikimenyamenya, ni ukwo Leta y’Uburundi yagiye irabemerera guhimbaza iminsi mikuru yemerwa n’igitabu cabo Korowani.

Saïdi Juma avuga ko anezerezwa cane n’ingene ibikorwa vy’idini rya Islamu mu Burundi bitera bija imbere n’aho rimwe rimwe gacamwo, ibere rikayaga kuko bamwe mu ndongozi bishika bagashira inyungu zabo imbere, hagaca haba ukutumvikana. Ariko kandi avuga ko Leta ishigikira cane ibikorwa vy’iryo dini kuko inahanura ababa bacanyemwo bagasubiza hamwe. Ahamagarira Aba Islamu bose kwama na ntaryo bafise umutima w’urukundo nk’uko intumwa y’Imana Mohamad yabikora.

Mugisha Hasani we ati “aba Islamu turafise umwidegemvyo mu kwemera kwacu. Uwo mwidegemvyo tuwukesha amategeko meza y’igihugu n’abayubahiriza. Ni co gituma dukwiye guterera mu mutekano w’igihugu cacu cama na ntaryo cibaza ko abakora ibikorwa vy’iterabwoba bashobora kugitera. Dukwiye kuba imbere y’abandi mu kurwanya ibikorwa vy’iterabwoba na rirya ababikora batwiyitirira”.

Ku bwiwe rero, kubona Aburahamu yaratanze ikimazi ku mwana wiwe, maze Imana ibonye ukwizera kwiwe igaca imwereka intama atangako ikimazi, ukwo kwizera kwobera akarorero abantu bose na cane cane abari mw’idini rya Islamu, kuko uwemera nyakuri, ntakora ikibi na kimwe ahubwo yamana umutima w’urukundo.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
F 2015-07-12 08:16:37

nivyiza ko abaisilmu twoba bamwe

Kumenyekanisha