Bujumbura : Ihuriro ry’Urwaruka

0 21-07-2014 - saa 11:07, IGIHE

Mu gihe urwaruka ruri mu buruhuko usanga ruri mu bikorwa bitandukanye haba ivy’aho ruhurira hamwe gukora ibikorwa, urundi narwo rurahurira mu mahuriro y’amasengesho.
Kuva kuri uyu wa 23 gushika ku wa 27 Mukakaro, urwaruka ruva mu mihingo yose y’igihugu, ruzohurira muri paroise yitiriwe umwerenda Michel i Bujumbura, aho urwo rwaruka ruzokoranira hamwe ku civugo kigira giti :’’ Ukwemera muri Yezu Kirisu’’. Muri iryo huriro rizomara iminsi ine, urwaruka ruzoyitaba rukazoboneraho akanya ko (...)

Mu gihe urwaruka ruri mu buruhuko usanga ruri mu bikorwa bitandukanye haba ivy’aho ruhurira hamwe gukora ibikorwa, urundi narwo rurahurira mu mahuriro y’amasengesho.

Kuva kuri uyu wa 23 gushika ku wa 27 Mukakaro, urwaruka ruva mu mihingo yose y’igihugu, ruzohurira muri paroise yitiriwe umwerenda Michel i Bujumbura, aho urwo rwaruka ruzokoranira hamwe ku civugo kigira giti :’’ Ukwemera muri Yezu Kirisu’’. Muri iryo huriro rizomara iminsi ine, urwaruka ruzoyitaba rukazoboneraho akanya ko kumenyana, kurwiza urukundo hagati yabo, kandi no mu budasa bwabo. Abo bana bazoza muri iryo huriro, bakaba bazokwakirirwa mu miryango itandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura.

Nk’uko bivugwa na Patiri Ignace Nkurunziza ari mu bariko barategura iryo huriro, avuga ko abo bazakirwa mu miryango batazinanye, azoba ari uburyo bwo kugaragaza urukundo, gukunda mugenzawe kandi utamuzi, ariko ukamwakira mu gasangira ivyo mufise uko vyoba biri kose.

Mwomenya ko ibirori vyo kwugurura iryo huriro, bizoba kuri uyu wa 23 Mukakaro. Iyo minsi yose urwo rwaruka ruzomara, rukazoshobora kuronswa inyigisho zitandukanye. Imisa yo gusozera iryo huriro, ikazobera ku musozi wa Siyoni i Gikungu ku wa 27 Mukakaro.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha