Amategeko abuza abapatiri kurongora ashobora kworoshwa

1 14-07-2014 - saa 10:45, IGIHE

Papa yiyemeje guhagurikira ikibazo c’ihohotera rishingiye ku gitsina rikorerwa abana bato, mbere akamenyesha ko igihe nicagera, amategeko abuza abapatiri kurongora ashobora kuzokworoshwa.
Umwungere wa ekereziya katolika, Papa Fransisiko, yavuze ko yibaza ko amategeko abuza abapatiri kurongora ashobora kuzokwoshwa igihe nicagera. Papa yavuze ko hari inyishu yoba ihari igamije guhindura ayo mategeko amaze imyaka 1100.
Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru La Repubblica co mu Butaliyano, Papa (...)

Papa yiyemeje guhagurikira ikibazo c’ihohotera rishingiye ku gitsina rikorerwa abana bato, mbere akamenyesha ko igihe nicagera, amategeko abuza abapatiri kurongora ashobora kuzokworoshwa.

Umwungere wa ekereziya katolika, Papa Fransisiko, yavuze ko yibaza ko amategeko abuza abapatiri kurongora ashobora kuzokwoshwa igihe nicagera. Papa yavuze ko hari inyishu yoba ihari igamije guhindura ayo mategeko amaze imyaka 1100.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru La Repubblica co mu Butaliyano, Papa Fransisiko yavuze ko ihohoterwa rishingiye ku gitsina bamwe mu bihebeye Imana bagirizwa gukorera abana ari indwara imeze nk’imibembe yadukiriye ekereziya katolika. Yamenyesheje ko hafi ibice bibiri kw’ijana vy’abihebeye Imana bahohotera abana bishingiye ku gitsina, muri abo hakaba harimwo n’abasenyeri n’abakaridinari.

Papa Fransisiko, umwungere wa ekereziya katorika akamenyesha ko yiteguye gutorera umuti ico kibazo akoresheje inguvu zose bisaba, kugira ihohotera rishingiye ku gitsina rikorerwa abana bato rituzwe.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Franck 2014-07-22 22:35:53

Mbengimanadusenganigikinishokukohanditswengogusezeranantushitsekowopfumauburaicousezeranaikibisukurongoraarik6okusezenanushitseninkivyagomugabiratahuritsekukoturimubihevyanyuma

Kumenyekanisha