Abayisilamu bo mu Burundi bariyamiriza ivyakozwe na Al Shabab muri Kenya

1 1er-10-2013 - saa 04:46, IGIHE

Abahurikiye mw’idini rya Isilamu mu Burundi baratera ivyatsi igitero cakozwe n’abihevyi ba Al Shabab mu gihugu ca Kenya, ku nzu y’ubudandaji "Westgate" iri mu gisagara ca Nairobi, ku genekerezo rya 21 Nyakanga 2013.
Abo basengera muri isilamu mu Burundi bamenyesha ko idini ryabo ryigisha amahoro, urukundo, ubumwe, ari naco gituma biyamirije ivyo vyakozwe n’abahevyi bo muri Al Shabab. Cheik Sadiki Abdallah Kajandi, aserukira umuryango w’abayisilamu mu Burundi amenyesha ko icupfuzo c’abo ari uko (...)

Abahurikiye mw’idini rya Isilamu mu Burundi baratera ivyatsi igitero cakozwe n’abihevyi ba Al Shabab mu gihugu ca Kenya, ku nzu y’ubudandaji "Westgate" iri mu gisagara ca Nairobi, ku genekerezo rya 21 Nyakanga 2013.

Abo basengera muri isilamu mu Burundi bamenyesha ko idini ryabo ryigisha amahoro, urukundo, ubumwe, ari naco gituma biyamirije ivyo vyakozwe n’abahevyi bo muri Al Shabab. Cheik Sadiki Abdallah Kajandi, aserukira umuryango w’abayisilamu mu Burundi amenyesha ko icupfuzo c’abo ari uko abakoze bomenya ko abayisilamu bo mu Burundi badashigikiye na gato ibikorwa vy’iterabwoba. Kubwa Cheik Sadiki Abdallah Kajandi, ibikorwa vy’iterabwoba biratandukanye n’akarangamutima k’umuyisilamu, ari naco gituma vyari bikwiye kwitirirwa ababikoze, ntibifatwe ko vyokwitirirwa umuryango w’abayisiramu.

Ubwo butumwa bwo kwiyamiriza ivyo bikorwa bigayitse bwaciye mu misigiti yose yo mu gihugu c’Uburundi ku munsi wa gatatu, umunsi abahurikiye mw’idini rya isilamu bama bahurirako kugira bahimbaza uhoraho Imana

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
mariana 2013-10-01 12:39:50

Egome bagenzi ni mwiyamirize ivyo bivume, vyihaye gusesa amaraso.tubatere ivyatsi twese, izo nkozi zibibi

Kumenyekanisha