Abategetsi basabwa gushira ibikorwa vyabo mu maboko y’Imana

4 30-12-2013 - saa 09:02, IGIHE

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ahanura abategetsi gushira mu maboko y’Imana ibikorwa vyabo, bakareka kwitwaza igihagararo bafise kubera amabanga barangura, nyabuna bakaba nka Daniyeri avurwa mu gitabu c’ijambo ry’Imana, yagumye yubaha uwamuremye mpaka gushika n’umunsi abansi biwe bamutaye mu kinogo kirimwo intare.
Umukuru w’igihugu c’ Uburundi Petero Nkurunziza yasavye abarongoye abandi kutibuka Imana gusa, iyo babonye ibintu biriko birabahindukana mu buzi barangura bicura kubogozwa, ariko (...)

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ahanura abategetsi gushira mu maboko y’Imana ibikorwa vyabo, bakareka kwitwaza igihagararo bafise kubera amabanga barangura, nyabuna bakaba nka Daniyeri avurwa mu gitabu c’ijambo ry’Imana, yagumye yubaha uwamuremye mpaka gushika n’umunsi abansi biwe bamutaye mu kinogo kirimwo intare.

Umukuru w’igihugu c’ Uburundi Petero Nkurunziza yasavye abarongoye abandi kutibuka Imana gusa, iyo babonye ibintu biriko birabahindukana mu buzi barangura bicura kubogozwa, ariko nyabuna kwamizako kugira Imana ihezagire ibikorwa baba bariko bararangura. Ivyo rero akaba yabishikirije kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 29 Kigarama uyu mwaka, ku munsi ugira kane ibikorwa vyateguwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu vyo gushimira Imana biriko biraba.

Imana rero irateturura uwuyubaha, ndetse ikanamukingira mu gihe aba ari mu bihe bigoye, ibihe umuntu aba yihebuye. Aho akaba Petero Nkurunziza yatanze akarorero kuri Yobu yubashe Imana, akima ikibanza Shetani, maze amaze gushika mw’ijuru, agashikira mu buninahazwa, bwamwibagije amagorwa yari yaboneye kuri iyi si. Umukuru w’ igihugu rero akaba yasavye abari ngaho, kuba nka Yobu, bakaguma ku ntumbero imwe, bakareka guhendwa n’ibibatesha intumbero, mu gihe ibihuvya umuntu bitabura, kandi bitazigera bibura.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
jeef 2014-01-28 09:10:47

imana yoyo irakomey iriteguy guhana abitirira izina ryayo mubitarivyo kimw ntawusomera induru ivuga nimba uruwukorana nimana subira yambaze ikurongore muburongozi bwiza

2
Hadassa 2014-01-07 18:44:38

Ibyo uvuga sibyo ukora, Imana izobikubaza..

3
tharcisse 2013-12-31 11:06:39

Iyo mana uriko urakinisha burya urayisenga koko!isinzi ryaribantu birirw baragandagurwa abandi nabo bapfungwa uba uri hehe!ntaho utaniye nabafarizayo.

4
Kabizi 2013-12-30 23:31:28

Amajambo niyo ariko ibikorwa ntavyo!
Na wewe Imana nyayo utanguye kuyibuka mandat yawe batanguye kuyiyamiriza!

Kumenyekanisha