Abarundi bahamagarirwa kwitaho irondoka rijanye n’amagara meza

2 20-11-2014 - saa 11:14, IGIHE

Mu guhagurukira ingarukambi ziterwa n’ukuvyara benshi, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwifatanije na COMIBU (Communauté musulmane du Burundi) batunganije uruganda ku ngaruka ziterwa n’irwirirana ry’abantu.
Muri urwo ruganda, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu Dionise Nizigiyimana akaba yamenyesheje ko muri rusasuma rwabaye mu mwaka w’2008 vyabonetseko abarundi bageze ku miriyoni umunani, inyuma y’aho abarundi bakaba bariyongereye bagera ku miriyoni icenda. (...)

Mu guhagurukira ingarukambi ziterwa n’ukuvyara benshi, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwifatanije na COMIBU (Communauté musulmane du Burundi) batunganije uruganda ku ngaruka ziterwa n’irwirirana ry’abantu.

Muri urwo ruganda, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu Dionise Nizigiyimana akaba yamenyesheje ko muri rusasuma rwabaye mu mwaka w’2008 vyabonetseko abarundi bageze ku miriyoni umunani, inyuma y’aho abarundi bakaba bariyongereye bagera ku miriyoni icenda. Abandanya avuga ko abantu babandanya kurwira, mu gihe isi yo ataciyongerako.

Dionise Nizigiyimana avuga ko ingaruka ku bwinshi bw’abantu ziguma zibonekeza, haba mu gisata c’indero aho abana ari benshi rwose bigatuma n’ivyirwa bahabwa bitakigira akanovera, eka no mu bindi bisata izo ngaruka zikaba zibonekeza.

Nizigiyimana akaba asaba abarundi kwitaho uko bogabanya imvyaro, ivyo akaba yabisavye yaba abari mu muryango w’abasiramu mu Burundi ndetse n’abarundi bose muri rusangi, kugira bashobore guhangana n’izo ngaruka ziterwa n’ubwinshi bwa bantu.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
BIZI 2014-11-22 08:09:20

IRONDOKA RIJANA NAMAGARA MEZA NUKO JEWE NA WEWE TWOMENYA NEZA KO KUVYARA BAKE 1 CANKE 2 UBA WIRINZE INGORANE KUKO NIMANA IFASHA UWIFASHIJE MURAKOZE

2
BEN 2014-11-20 22:01:12

USOMYE MUBITABO VY IMANA BIVUGA KO ARUKURONDOKA NONE DUZE DUHAGARIKE KUVYARA BESHE?EREGA UBAHABWA N MANA KANDI TUKOZE IVYO NTAKIGONGWE IZODUHANA

Kumenyekanisha