Abanyacubahiro batandukanye bifatanije n’abakirisu mu gisabisho ca Noel

3 26-12-2013 - saa 11:13, IGIHE

Abanyacubahiro batandukanye bifatanije n’abakirisu bo mu Paruwase atandukanye yo mu gihugu mu guhimbaza umunsi mukuru wa Noel abemera Kristu, bariko barigina ivuka rya Yesu Kristu.
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yifadikanije n’abakirisu bo mw’ishengero ry’aba anglikani b’i Buye, komine Mwumba intara ya Ngozi, kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 25 kigarama 2013. Mw’ijambo ry’Imana ryasomwe kuri uwo munsi, musenyeri wa Diyoseze ya Buye yasavye abakirisu gukurikiza akarorero keza (...)

Abanyacubahiro batandukanye bifatanije n’abakirisu bo mu Paruwase atandukanye yo mu gihugu mu guhimbaza umunsi mukuru wa Noel abemera Kristu, bariko barigina ivuka rya Yesu Kristu.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yifadikanije n’abakirisu bo mw’ishengero ry’aba anglikani b’i Buye, komine Mwumba intara ya Ngozi, kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 25 kigarama 2013. Mw’ijambo ry’Imana ryasomwe kuri uwo munsi, musenyeri wa Diyoseze ya Buye yasavye abakirisu gukurikiza akarorero keza nk’uko Yesu yababereye akarorero.Yasavye abakirisu baraho kwiyubara na cane cane muri kino gihe hegereje amatora yo mu 2015.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyikiri nawe yari yifadikanije n’abakirisu bo muri paruwase Buhonga, Diyoseze nkuru ya Bujumbura. Umupatiri w’iyo paruwase akaba yamenyesheje ko umunsi mukuru wa Noweri wibutsa ivuka ry’umukiza Yezu Kristu ku bakirisu bose bo kw’isi. Ni akaryo rero ko guhimbaza cane no kunezerwa ariko ko vyari bikwiye ko uwo munezezero woshika no kunywana.

Ku bwa Gerevasi Rufyikiri ice gera ca kabiri c’umukuru w’igihugu nawe, yahamagariye abakirisu bo mu Buhonga kubumbatira amahoro hamwe no kwitabira cane ibikorwa vy’iterambere, mu ntumbero yo guteza imbere igihugu n’abakibamwo.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Mvuzo 2014-01-03 21:08:13

Abanyacubahiro simpaka baje iyo bavuka Coldman intara zitavamwo abanyacubahiro nazo zica zirabwa nabande? Gusa bokwiragira mugihugu cose bakifatanya nabanyagihugu guhimbanda iminsi mikuru irangizumwaka

2
Kabizi 2013-12-29 05:53:40

Ni uguhuma amaso amakungu!Inyuma ni Intama ariko imbere ni Amabingira y’inkazi!

3
Coldman'Zi 2013-12-27 00:07:41

Kugendera benegihugu, ni igikorwa ciza abategetsi bose bari bakwiye kwijukira. Kibi ni uko benegihugu bibukwa hageze gus’amatora. Nizere ko Nkurunziza na Rufyikira batagiye kumen’amatwi y’abanyagihugu mu kubabwir’amajambo ya politique. Ibisabisho n’ijambo ry’Uhoraho, biratandukanye n’ububeshi. Ndetse CNDD-FDD, none abandi barongozi b’Imigambwe, boba bibutse kuja iyo baturuka bifatanye n’imiryango n’abagenzi babo guhimbaza iyi minsi mikuru ya Noel na Bonne Annee? Ni ataba ari uko, ngire nti babibujijwe n’umutekano wabo muke? Nizere basi ko baserukiwe

Kumenyekanisha