Umushikiranganji Thaddée NDIKUMANA aremeza ko hari ibura ry’imiti imwimwe

1 14-07-2018 - saa 15:18, vianney

Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kugwanya Sida ,Thaddée NDIKUMANA amenyeshako naho hibonekeza ibura ry’imiti imwimwe mu gihugu bafashe ingingo hamwe n’intumbero kugira imiti nkenerwa igume iboneka k’urugero rukwiye.

Mu kiganiroo kubamenyeshamakuru kuruyu wa gatanu ariko ashikiriza ivyo ubushikiranganji arongoye bwaranguye mu mezi 3 aheze,Thaddée NDIKUMANA yavuze ko mu ntumbero yo guhanga n’ico kibazo c’ikena ry’imiti imwimwe Reta yafashe ingingo ko ishirahamwe CAMEBU rishobora kuja kugura iyo miti kubayikora.

Muganga Thaddée NDIKUMANA yavuze ko iyo ngingo yafashwe kuko abahora baronswa isoko ryo kuzana imiti batayizana canke ngo bayishikirize.

Thaddée NDIKUMANA yavuze ko imiti ikenerwa kenshi iriho ariko iyikunda kubura ariyo bita “Specialites” arinaco gituma bagiye gukora ibishoboka vyose kugira imiti yose izoboneke k’urugero rukwiye.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Floride 2018-07-21 15:13:07

Vyiza Nuko Imiti Itobura Mugihugu Kuko Ninkenerwa.

Kumenyekanisha