Umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA yuguruye k’umugaragaro “Tujane Microfinance”

0 16-06-2018 - saa 11:06, vianney

Umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA yaruguruye k’umugarargaro ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana “Tujane Microfinance” kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 15 Ruheshi 2018 ku mugwa mukuru w’intara ya Bubanza.

Umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA yamenyesheje ko bashinze iryo shirahamwe ryo kuziganya no kuguranana mu ntumbero yo gufasha abantu bato bato baba mu mitumba bafise imigambi yo kwiteza imbere, kugira baronke aho basaba ingurane .

Pascal NYABENDA yavuze ko ingurane itandukanye n’ingabire ari naco gituma kugira bose bajane mw’iterambere uwuronkejwe ingurane azoyiriha mu gihe cumvikanyweko.

JPEG - 31.2 kb
Pascal NYABENDA, Umukuru w’inama nshingamateka akaba n’imvukira y’intara ya Bubanza

Pascal NYABENDA yavuze ati: “Abahora ari mfisumugambi n’abuze umutahe ugasaba umuntu ntawukuronse,ubu imiryango iruguruye egera Tujane Microfinance mu bature imigambi yanyu hama nabo babaronse ingurane.

Uwo arongoye inama nshingamateka yateye akamo abipfuza gusaba ingurane ko ingurane atariyo kwinezereza ariko ariyo gushira mu ngiro umugambi washikirije.

Pascal NYABENDA yateye kandi akamo abakozi ba Tujane Microfinance kuzokwakira abazobitura bose ata gusuzugurana canke gukumira umuntu kuko akazi bakaronse kubera abo bantu

Buramatari w’intara ya Bubanza,Tharcisse NIYONGABO yamenyesheje ko ico gikorwa co kwugurura Tujane Microfinance gikomeye cane kuko kizofasha abanyagihugu kwisununura kuko benshi batunzwe n’uburimyi.

Tharcisse NIYONGABO yasavye ko iryo shirahamwe ryo kuziganya no kuguranana ryokora ibishoboka kugira rizoshikire abanyagihugu bato bato nk’uko bavyiyumviriye bakiritanguza.

Kubw’umukuru w’urwego nshingwantwaro rwa Tujane Microfinance, yavuze ko kubona bashitse ku ntumbero bihaye ari ikimenyetso kigaragara cerekana ko abavukantara bakoranye bashobora gukora imigambi minini benewabo bakaronka aho badodora kugira baronke imitahe.

Ibirori vyo kuyugurura k’umugaragaro vyari vyatewe iteka n’abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka batowe muri iyo ntara,umukuru w’ibanki ya Nkuru y’igihugu, umushikiranganji w’ikigega ca Reta,umushikiranganji w’ubutare n’agataka,umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afirika y’Ubuseruko hamwe n’umushikiranganji w’ubudandanji ,amahingurir hamwe n’ingezi.

Tujane Microfinance yashinzwe n’abanyamitahe b’imvukira z’intara ya Bubanza bashika 270 ikaba yatangujwe n’umutahe ungana imiriyoni 500 bigategekanywa ko mu mwaka uza izoba yuguruwe ku mirwa mikuru yose y’amakomine y’intara ya Bubanza.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha