
Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yakoranije kuruno wa gatatu igenekerezo rya 31 Gitugutu umwaka wa 2018 inama nshikiranganji aho integuro z’amategeko zishika 6 arizo ziri k’urutonde rw’ivyigwa.
Zimwe mu nteguro zari k’urutonde rw’ivyigwa ni nk’integuro y’itegeko rijanye n’amacuniro,integuro y’itegeko ritunganya igikorwa co kubaga ibitungwa,itegeko rijanye no kugenzura ibitungwa.
Ibindi vyari mu rutonde rw’ivyigwa muriyo nama nshikiranganji yakoranijwe n’umukuru w’igihugu n’integuro ijanye no guteza imbere igisata co gusuzuma imodokari «Contrôle technique »,integuro ijanye n’amasezerano hagati ya reta y’Uburundi hamwe n’igihugu ca Arabiya Sawudite mu bijanye n’umutekano no gukinga impanuka hamwe n’utuntu n’utundi.
Mutama wacu wakora ariko harahantu ukora ugasha kandi niho hononye iterambere ry igihugu.Je simbona ko murwanya ikintu bita igiturire no kwiba smatungo ya leta nka kurya muhagurukira ikibazo c umutekano iyo hagize agakacira.Tohoza bukebuke uzobona ko igihugu kigeze habi cane mukurya ibiturire kuburyo ataterambere rifadika tuzoshika ko mugihe mudahinduye umukenyuro.
Andika han Nyakubahwa Petero Nkurunziza Sebarundi Songambere Mubikogwa Ahari Inama Haba Imana Yovyose.
Hangama ku ngoma mwana w’Imana, tukuri inyuma. Kandi udutegurire umugabo ameze nkawe pour 2020. Ntituzosubire kugwa mw’isanganya. Nkurunziza Oyé? Oyé.