Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yakoranije inama nshikiranganji

3 31-10-2018 - saa 14:56, vianney

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yakoranije kuruno wa gatatu igenekerezo rya 31 Gitugutu umwaka wa 2018 inama nshikiranganji aho integuro z’amategeko zishika 6 arizo ziri k’urutonde rw’ivyigwa.

Zimwe mu nteguro zari k’urutonde rw’ivyigwa ni nk’integuro y’itegeko rijanye n’amacuniro,integuro y’itegeko ritunganya igikorwa co kubaga ibitungwa,itegeko rijanye no kugenzura ibitungwa.

Ibindi vyari mu rutonde rw’ivyigwa muriyo nama nshikiranganji yakoranijwe n’umukuru w’igihugu n’integuro ijanye no guteza imbere igisata co gusuzuma imodokari «Contrôle technique »,integuro ijanye n’amasezerano hagati ya reta y’Uburundi hamwe n’igihugu ca Arabiya Sawudite mu bijanye n’umutekano no gukinga impanuka hamwe n’utuntu n’utundi.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
My bad 2018-11-07 02:41:34

Mutama wacu wakora ariko harahantu ukora ugasha kandi niho hononye iterambere ry igihugu.Je simbona ko murwanya ikintu bita igiturire no kwiba smatungo ya leta nka kurya muhagurukira ikibazo c umutekano iyo hagize agakacira.Tohoza bukebuke uzobona ko igihugu kigeze habi cane mukurya ibiturire kuburyo ataterambere rifadika tuzoshika ko mugihe mudahinduye umukenyuro.

2
Manweri Nyabenda 2018-11-01 23:25:52

Andika han Nyakubahwa Petero Nkurunziza Sebarundi Songambere Mubikogwa Ahari Inama Haba Imana Yovyose.

3
Kagabo 2018-11-01 00:37:53

Hangama ku ngoma mwana w’Imana, tukuri inyuma. Kandi udutegurire umugabo ameze nkawe pour 2020. Ntituzosubire kugwa mw’isanganya. Nkurunziza Oyé? Oyé.

Kumenyekanisha