Umugambwe FNL AMIZERO Y’ABARUNDI wankiwe kwemerwa mu gihugu

6 9-11-2018 - saa 09:10, vianney

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati n’inyigisho zo gukunda igihugu bwankiye kwemerera umugambwe mushasha «FNL AMIZERO Y’ABARUNDI »umushingamateka Agathon RWASA yari yarasavye ko wokwemerwa.

Mw’ikete inomero 530/2276/CAB/2018 umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunga igihugu yandikiye umushingamateka Agathon RWASA kw’igenekerezo rya 8 Munyonyo umwaka wa 2018,Pascal BARANDAGIYE avuga ko bamaze kwihweza ibiri muvyo batanze kugira umugambwe wabo wemererwe basanze ibimenyetso hamwe n’icivugo cuyo mugambwe bisa n’ivyuwundi mugambwe usanzwe wemewe n’amategeko mu gihugu.

Pascal BARANDAGIYE avuga ko ingingo ya 27 y’itegeko rigenga imigambwe ridakwirikijwe amategeko mu gihe ivuga ko ata mugambwe numwe ushobora kwiyitirira izina ry’uwundi mugambwe canke ibindi bimenyetso vy’uwundi mugambwe.

Umushingamateka Agathon RWASA yandikiye ubushikiraganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu kw’igenekerezo rya 14 Nyakanga umwaka wa 2018 asaba ko umugambwe FNL AMIZERO Y’ABARUNDI wemerwa mu gihugu.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Augustin Nzomwita 2018-11-12 12:36:41

FNL zindi ko zemerewe, iyo yo bayankiye kubera iki? Rwasa azobandanya abatera ubwoba.

2
Miburofrederic 2018-11-10 16:20:47

Rwasaagato,mwankira,kuberaumugambwewiwe,wobatsinda,niyompamvu,bamugwanya.

3
Busurahende 2018-11-10 05:57:44

Ewe Burundi! Hariho imigambwe yemerwa itarinze gusaba, iyibisavye nayo ntiyemererwe. Hagowe abaronka badasavye. Hahiriwe abasaba bakimwa. Muzoba mumbwira.

4
Busurahende 2018-11-10 05:57:44

Ewe Burundi! Hariho imigambwe yemerwa itarinze gusaba, iyibisavye nayo ntiyemererwe. Hagowe abaronka badasavye. Hahiriwe abasaba bakimwa. Muzoba mumbwira.

5
Miburofrederic 2018-11-10 03:39:27

Kuberiki,rwasaumugambwewiwe,badashakakuwemerera,ubwontibatinya,komu2020,yobakubitincuro.Nkajacq,bigirimanawewe,apfaguterinduru,ntabanwanyiafise,kandi,iryozinaryumugambwe,fnl,nibirangovyawo,vyamyearivyarwasa.Rwasa,baramurenganya.

6
Amizero 2018-11-09 20:21:01

Ahobirumvikana narondere irindizina ridasa nuwundimugambwe kukwaho birumvikana ntakarenganyo karimwo.

Kumenyekanisha