Umugambwe CNDD FDD uvuga ko kwibuka imyaka 57 Rudoviko RWAGASORE agandaguwe ari igihe c’umubabaro

1 15-10-2018 - saa 10:24, vianney

Umugambwe CNDD FDD umenyeshako umunsi wo kwibuka imyaka 57 irarangiye Umuganwa Rudoviko Rwagasore yaharaniye incungu yo kwikukira kw’Uburundi agandaguwe n’ igihe c’umubabaro, kikaba n’igihe co kwisuzuma, mu ntumbero yo kurushirizaho gukora mu gutsimbataza intahe y’ukwikukira kw’Uburundi.

Mu kiganiro icegera c’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD Joseph NTAKARUTIMANA yahaye abamenyeshamakuru kubijanye n’imyaka 57 iheze umuganwa Rudoviko RWAGASORE agandaguwe yamenyesheje ko
ata kindi yazize atari umutima wo gukunda igihugu camwibarutse abansi bamugandaguye ata kindi bashaka atari ukugupfukama munda igihugu c’Uburundi.

Joseph NTAKARUTIMANA yavuze ko umugambwe CNDD-FDD wiyemeje kuzokwama na ntaryo ushigikiye amategeko mpuzamakungu y’amahoro, intwaro rusangi, umutekano hamwe n’iragi ry’incungu y’ukwikukira kw’Uburundi.

Joseph NTAKARUTIMANA yarangije ahamagarira abarundi kugendera iragi ryarazwe n’incungu y ‘ukwikukira kw’igihugu cacu mu kurwanya abansi, mu kurwanya akarenganyo, kwirinda amacakubiri yariyo yose, kurwanya ba kaboko hamwe no kugwanya ayandi mabi atuntuza akongera akazingamika abanyagihugu.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
niyongabo arnaud 2018-11-01 10:51:02

kwibuka umuhisi rudoviko rwagasore uwaharaniye amahoro nicibutso cerekana yuko abarundi tuzokwama dushira hamwe mukugwanira amhoro kugira asasagare mu burundi

Kumenyekanisha