Umugambwe APDR uvuga ko ushima ubutwari bw’umuganwa Rudoviko RWAGASORE

0 12-10-2018 - saa 12:25, vianney

Umugambwe APDR umenyeshako ukenguruka ubutwari bwaranze umuganwa Rudoviko RWAGASORE kuko muvyo yaharanira ata kindi yarota ataruko igihugu c’Uburundi co kwikukira.

Ivyo wabishikirije mw’itangazo umukuru w’uyo mugambwe Gabriel BANZAWITONDE yasize ahabona kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 12 Gitugutu umwaka wa 2018 mu gihe ejo ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 13 Gitugutu 2018 hibukwa imyaka 57 iheze umuganwa Rudoviko RWAGASORE agandaguwe.

Muriyo tangazo umukuru w’umugambwe APDR ,Gabriel BANZAWITONDE avuga ko mu mugambwe arongoye bipfuza ko iryo ragi rya Rudoviko RWAGASORE ryobera buri murundi wese akarorero kugira akorere igihugu ciwe.

Gabriel BANZAWITONDE atera akamo abatwara kwama bahagarariye intahe yo kwikukira hamwe no kwikubita agashi kugira habe ugusabikanya ivy’igihugu n’abandi.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha