Ubworozi bw’amafi bugiye gukwiragizwa mu gihugu cose

0 10-04-2018 - saa 09:59, Egide NDUWIMANA

Imivyaro y’amafi igera ku bihumbi ijana na mirongo itanu niyo yateguwe mu mugambi w’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi wo gukomeza mu gihugu cose ubworozi bw’ifi hamwe n’ukurwiza umwimbu w’amafi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere ariko ashikiriza ivyo ubushikiranganji arongoye bwaranguye mu mezi atatu ya mbere y’umwaka w’2018, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, Deo Guide RUREMA yamenyesheje ko imyiteguro y’ugukwiragiza mu gihugu cose iyo mivyaro y’amafi igeze kure, ko igisigare ari uburyo bucegeranwa.

"Dushaka gushikana inyanja z’amafi mu gihugu hagati, mu ntara zose, aha rero birasaba ko tuba twarondeye imivya y’amafi"

Tubibutse ko kuri uwu wa mbere ariho ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwatanguje isekeza ryo gucandaga ibitungwa bito bito, indwara y’akaranda, mu gihugu cose.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha