
Ibihugu vy’ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya UE (Union Européenne) vyashizeho itegeko ko uwurekuriwe gukoresha urubuga rwo gutumatumanako WhatsApp ategerezwa kuba afise imyaka kuva kuri 16 kuduga ariko ku bindi bihugu imyaka izoguma ari 13 nk’uko vyari bisanzwe.
Amakuru dukesha urubuga rwandika rwa France 24 amenyeshako ishirwaho ry’iryo tegeko rimenyeshejwe mu gihe itegeko rijanye no gukingira amabanga y’umuntu aca ku mbuga rishizweho kuruyo mugabane rikazotangura gukurikizwa kw’igenekerezo rya 25 Rusama uyu mwaka wa 2018
Gushika ubu ubuyobozi bw’urubuga rwa WhatsApp ntiburamenyesha nimba hariho isuzumwa rizokorwa kugira bamenye ko iyo myaka iriko irubahirizwa.
nashaka ndabasabe mumbarire aho nova kugira nje muri groupe y’a watsappwatsapp,murakoze.
Iciyunviro nfise n’ico kubasaba KO mwoshira muri groupe murakoze