
Inzu 31 nizo zasambutse muri komine Rumonge mu ntara ya Rumonge umuntu 1 nawe arakomereka inyuma y’imvura yaguye ku magenekerezo rya 14 na 15 Munyonyo umwaka wa 2018.
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza,Pierre NKURIKIYE amenyeshako murizo nzu zabomotse 16 arizo ku Mutambara,7 arizo ku Mugomere,inzu 6 arizo kw’ishengero ya pentekote yo Ku Mugweji hamwe n’ibirasi 2 vyo kw’ishure ryisumbuye rya Urbain.
Ayo makuru abandanya avuga ko kw’ishure nshingiro rya Mugomere ibisakazo vy’ibirasi 4 vyasambutse.
Bivugwako uyo muntu yakomereste ubu ariko aravurirwa ku bitaro bikuru vy’intara ya Rumonge.
Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!