
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu Pascal BARANDAGIYE amenyeshako amashirahamwe mpuzamakungu angana 25 ariyo amaze kwiyandikisha hisunzwe itegeko rishasha riyagenga hamwe n’amashirahamwe 11 yatanze amadosiye ariko adakwije ibisabwa.
Pascal BARANDAGIYE avuga ko ashima intambwe imaze gushikwako nayo amashirahamwe ariko agatera akamo ayo mashirahamwe 11 kubonana n’ubuyobozi bukuru kugira yuzuze amadosiye yabo.
Amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi yari yahagaritswe mu mpera z’ukwezi kwa Nyakanga asabwa kwisunga itegeko rishasha riyagenga aho yasabwa kurondera 4 zijanye n’urupapuro rubemerera gukorera mu gihugu, gukora bisunze imigambi reta yasize imbere,kwerekana urukaratasi rwerekana ingene amafaranga ashingurwa n’ingene akoreshwa rutangirwa mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta hamwe no kwerekana mu myaka itatu ko bazoba bahejeje gukuraho ubusumbasumbane bw’abakozi hisunzwe ubwoko n’ibitsina.
Mwoduha intonde zayomashirahamw amaz kwemererwa nayataremererwa vyoba arivyiza.clovis