Mairie-Mutakura: Abasuma 3 bapfuye barashwe

2 6-08-2018 - saa 12:09, Jean De Dieu

Abasuma batatu nibo baraye bapfuye bahitanywe n’amasasu igihe c’isaha umunani z’ijoro kuruyu w’Imana buca ari kuryu wa mbere igenekerezo rya 6 Myandagaro 2018 ku Mutakura mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru amenyeshako 2 murabo basuma uko ari 3 barashwe bariko biba kw’ibarabara rya 6 ku nomero 47 ku Mutakura mu gihe uwundi nawe yarashwe ariko yiba kw’ibarabara rya 7 inomero 41 ryaho ku Mutakura nyene.

Bimenyeshwako babiri murabo basuma batatu ari Evariste NZOKIRANTEVYE hamwe na Lambert NDUWABIKE uwundi nawe ataramenyekana uwariwe.

Bivugwako ivyafatanywe abo basuma uko ari batatu ari imbugita 2 hamwe n’umukasi umwe.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Nizigiyimana Tharcisse 2018-08-11 20:54:19

Uwobagenye Ninde?Izina

2
Hakizimana LOUIS 2018-08-09 02:17:12

Andika hano

Kumenyekanisha