FNL usaba ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati kutemerera umugambwe mushasha wa Agathon RWASA

11 24-09-2018 - saa 20:37, vianney

Umukuru w’umugambwe FNL Jacques BIGIRIMANA asaba ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu kutemerera umugambwe mushasha uheruka gusabwa na Agathon RWASA kuko izina yakoresheje hamwe n’ibimenyetso arivy’umugambwe wabo.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa mbere igenekerezo rya 24 Nyakanga umwaka wa 2018,umukuru wa FNL Jacques BIGIRIMANA yavuze ko batashobora kwemera ko Agathon RWASA asaba kwemererwa umugambwe ashaka gushinga akoresheje ibimenyetso vyabo.

Jacques BIGIRIMANA yavuze ati: “Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ntibwemere Agatahon RWASA ivyo yasavye ariko gusa bumwishure ko ivyo yasavye vyapfuye impfagusa.”

Uyo mukuru wa FNL yavuze ko niyo ubushikiranganji bwasanga ibiranga umugambwe wa Agathon RWASA bidasa nivy’umugambwe wabo bazokwemera aho intahe izoba ishize.

Jacques BIGIRIMANA avuga ko niyo amategeko yakwirikizwa ibizoba vyemejwe bazovyemera .

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2  

1
Emmanuel Roshan 2018-11-12 09:32:45

FNL rwasa yahorana yaciye ayishirahe?nagumame icivugo cuwo yahorana barawumutwaye naho ati pole sana

2
HORICUBONYE AL BAGDADI 2018-10-01 19:17:32

Jacques nimusazi. Yariye ivya DD, namureke Mutama

3
ntazina 2018-09-27 23:00:19

atinyeko azohava amutsinda nicogituma ubwoba bwabaye bwishi

4
Christophe 2018-09-27 05:47:00

Emwe Inyitwazo Ntizibur Ntamurek Uwomugabo Rwasa Yigirire Ivyiwe

5
Adolphe Bujiginya 2018-09-27 04:29:30

Uwo muntu ntarakura muri politique,azosubire kwigishwa.

6
muco 2018-09-26 12:06:09

Mbe uyu mugabo azoba umunyakuri ryari? Ko hariho FRODEBU nyakuri, yarigeze yumva abatwara FRODEBU bidoga? Ahoho hariho FNL icanzo niyaba itahavuye! Ko hoho atavuze? Ashaka kwigisha ministre de l’interieur amategeko nkuko umengo we nyayazi?

7
Augustin Nzomwita 2018-09-26 11:37:56

Jewe nzi zibiri, FNL ICANZO na FNL IRAGI RYA GAHUTU

8
augustin Nzomwita 2018-09-26 11:31:34

jewe nzi zibiri, FNL Icanzo na FNL Iragi rya Gahutu

9
King 2018-09-25 19:38:41

Politipue numwana wuwundi kabisa

10
Kuri 2018-09-25 09:08:38

Uyo mugabo ntakomeye mbe ama FMl ariho angana gute? Ko atavuze?

Paji: 1 | 2  

Kumenyekanisha