
Umukuru w’umugambwe FNL Jacques BIGIRIMANA asaba ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu kutemerera umugambwe mushasha uheruka gusabwa na Agathon RWASA kuko izina yakoresheje hamwe n’ibimenyetso arivy’umugambwe wabo.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa mbere igenekerezo rya 24 Nyakanga umwaka wa 2018,umukuru wa FNL Jacques BIGIRIMANA yavuze ko batashobora kwemera ko Agathon RWASA asaba kwemererwa umugambwe ashaka gushinga akoresheje ibimenyetso vyabo.
Jacques BIGIRIMANA yavuze ati: “Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ntibwemere Agatahon RWASA ivyo yasavye ariko gusa bumwishure ko ivyo yasavye vyapfuye impfagusa.”
Uyo mukuru wa FNL yavuze ko niyo ubushikiranganji bwasanga ibiranga umugambwe wa Agathon RWASA bidasa nivy’umugambwe wabo bazokwemera aho intahe izoba ishize.
Jacques BIGIRIMANA avuga ko niyo amategeko yakwirikizwa ibizoba vyemejwe bazovyemera .
Paji: 1 | 2
FNL rwasa yahorana yaciye ayishirahe?nagumame icivugo cuwo yahorana barawumutwaye naho ati pole sana
Jacques nimusazi. Yariye ivya DD, namureke Mutama
atinyeko azohava amutsinda nicogituma ubwoba bwabaye bwishi
Emwe Inyitwazo Ntizibur Ntamurek Uwomugabo Rwasa Yigirire Ivyiwe
Uwo muntu ntarakura muri politique,azosubire kwigishwa.
Mbe uyu mugabo azoba umunyakuri ryari? Ko hariho FRODEBU nyakuri, yarigeze yumva abatwara FRODEBU bidoga? Ahoho hariho FNL icanzo niyaba itahavuye! Ko hoho atavuze? Ashaka kwigisha ministre de l’interieur amategeko nkuko umengo we nyayazi?
Jewe nzi zibiri, FNL ICANZO na FNL IRAGI RYA GAHUTU
jewe nzi zibiri, FNL Icanzo na FNL Iragi rya Gahutu
Politipue numwana wuwundi kabisa
Uyo mugabo ntakomeye mbe ama FMl ariho angana gute? Ko atavuze?
Paji: 1 | 2