
Umugambwe CNDD FDD umenyeshako kugwanya kudahana niwo muti ubereye ibihugu vyose vyo kwisi bikwiye ko amakungu afata mu mugongo Reta y’Uburundi muri uwo mugambi wo gukurikirana abantu bose bagirizwa n’ubwicanyi bwabaye mu Burundi, kugirango bakubitwe intahe mu gahanga.
Ivyo vyashikirijwe kuruno wa gatandatu igenekerezo rya 20 Gitugutu 2018 n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD Evariste NDAYISHIMIYE haca hibukwa imyaka 25 irangiye umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE agandaguwe.
Evariste NDAYISHIMIYE yavuze ko basaba abanyepolitike kuvavanura n’ingendo yo kugaya ingingo ifashwe n’abanyagihugu mu kwama bamenya ko ata yindi nzira yo gushikira ubutegetsi atari amatora.
Uyo munyamabanga mukuru wa CNDD-FDD asaba ubutungane gutanga umuco kuri iryo gandagurwa rya Melchior NDADAYE , ababikoze bashirwe imbere y’ubutungane.
Evariste NDAYISHIMIYE aheraheza avuga ko umugambwe CNDD FDD uzokwama ugendera iragi ry’iyo ncungu ya demokarasi, kandi ko uzorwanya wivuye inyuma uwo wese azoza ashaka kuyisubiza inyuma .
Nikosha wamurundiwe BUSURAHENDE, cyocyatumwe mwissrisha muri 2015 muhondagura mwicyabavukanyi banyu mubaturira mwashaka ngomuronke ibyomuremeka aboba Ndayishimiye ngonibobabikoze noneho mubabuze gukurikirana abishye Ndandaye?
Kuri Président Buyoya hariho abatutsi bashatse kwifatira délégation y’abanyamahanga bavuye hanze hanyuma bagiye kubonana bababwira kw’abahutu ari abantu babi kandi bamaze abatutsi ariko hari umwe muri abo banyamahanga yaciye abaza ikibazo abari bahari ati mwotubwira ingene abahutu bamaze abatutsi ariko tukabona ar’abahutu bahungira hanze y’igihugu nayo abatutsi bagenda hanze bagiye kwiga canke gutembera canke muri business ? Inyishu ntiyayironse. Muri make, mu bahutu no mu batutsi harimwo abicanyi nkuko hariho abeza ikibi ni uko dufatira mu kivunge.
Erega gutwara neza si ukuvugira uruhande wegamiye nk’uko rworwo ari rweranda. Ubwo uwozikura ivyo uwo mugambwe uvugira wakoze, canke uriko urakora vyose wosanga vyera gusa? Eh mama ngo Urwanda, Ububiligi....mukiyibagiza za Bugendana, Buta, Teza n’ahandi.
Erega gutwara neza si ukuvugira uruhande wegamiye nk’uko rworwo ari rweranda. Ubwo uwozikura ivyo uwo mugambwe uvugira wakoze, canke uriko urakora vyose wosanga vyera gusa? Eh mama ngo Urwanda, Ububiligi....mukiyibagiza za Bugendana, Buta, Teza n’ahandi.