Emelance Emy avuga ko akaranga ka Afrika ari itunga ridasubirizwa.

3 1er-02-2018 - saa 14:07, IGIHE

Inyuma yo kuva mu gihugu ca Mali aho yari yitavye ubutumire bwo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe akaranga ka Afrika, wahimbajwe kw’igenekerezo rya 24 Nzero 2018, Emelance Emy avuga ko akaranga ka Afrika ari ubutunzi budasubirizwa, ingabire Afrika isumvya isi yose.

Emelance Emy yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko yahakuye icigwa kinini, akavuga ko abanyafrika muri rusangi, bakwiye gukunda akaranga,kimwe muri bike afrika igisigaranye yisangije kandi isumvya abandi.

Umuririmvyi Emelance Emy akavuga kandi ko, nk’umurundikazi asanzwe akora umuziki ndangakaranga, kubona yarasohotse agashika aho ibindi bihugu biriko birata akaranga kavyo ari inyungu nini,akabona ko asa n’uwuba yugururiye imiryango no ku bandi bahinga b’umuziki ndetse n’abandi bafise impano zitandukanye, zoteza imbere akaranga,gutyo n’igihugu kikamenyekana mu makungu ko gifise ico ciratira.

Emelance Emy arongera akavuga ko yanezerejwe n’ukuntu abari mu birori bari bafise inyota yo kumenya akaranga k’Uburundi, na cane cane ingoma zikaba zikundwa cane, agahamagarira abarundi gukunda ivyabo imbere yo kwitaho ivy’ahandi.

Ati :« Akaranga kacu nico kintu dusumvya abandi, tugakunde, tukiteho maze duseruke mu makungu tubereke ico tubasumvya. »

Umunsi wahariwe akaranga ka Afrika ukaba wahimbajwe ku ncuro yawo ya mbere,muri Afrika y’Ubuseruko, Uburundi kikaba ari co gihugu conyene cari catumiwe.
Indirimbo " Afrika nyumbani" ya Emelance Emy ikaba yarakoreshejwe mu ndirimbo zihayagiza umunsi mpuzamakungu wahariwe akaranga ka Afrika.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Niyongabo 2018-09-27 06:24:31

Aririmbaindirimbozimana ?

2
MUHAWENAYO CLAUDE 2018-04-28 00:04:55

61235016

3
jonathan athon 2018-02-16 00:54:13

vraiment ndamushimiy kugikogwa kidasanzw ariko arakor kugir atezimber akaranga kacu.

Kumenyekanisha