Athanase NSABUMWAMI :«Amasuzuma muri poritike y’ubudandaji arafasha kunagura ico gisata »

0 6-09-2018 - saa 20:02, vianney

Umuhanuzi mu bushikirangaji bw’ubudandaji,amahinguriro hamwe n’ingenzi Athanase NSABUMWAMI amenyeshako amasuzuma ategurwa ajanye no kurabira hamwe poritike mu bijanye n’ubutunzi mu gihugu no mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko ,bifasha kugira igihugu kimenye poritike nziza yaco ijanye n’ubudandaji.

Mu kiganiro yatanze mw’isuzuma rya 3 mu bijanye na poritike ry’ubudandaji mu gihugu no mu karere ka Afrika y’Ubuseruko,Athanase NSABUMWAMI yamenyesheje ko amasuzuuma 2 ya mbere yabaye yatumye igihugu gishobora kumenya aho gishobora guhindura canke gukosora muri poritike y’ubudandaji ,kugira abagwizatunga bashobora gushora imitahe yabo mu gihugu hagati canke mu bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Athanase NSABUMWAMI avuga ko inama yatunganijwe mu mwaka w’i 2012 yafashije kugira amategeko mu bijanye na poritike y’ubudandaji afatirwe hamwe bikazotuma igihugu c’Uburundi kizoronka ikibanza ciza murico gisata .

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha