
Abakomiseri 2 bashasha baheruka gutorwa kuja mu murwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH barahiye murayo mabanga kuruno wa kane igenekerezo rya 11 Gitugutu 2018 imbere y’umukuru w’igihugu n’imbere y’inama nshingamateka.
Mu kurahira bavuga ko bagiye gukora ibikorwa bajejwe mu bwigenge kandi bazokora mu kubahiriza agateka ka zina muntu hamwe no kubahiriza ibwirizwa nshingiro.
Rose Ntawe asubiriye Jocelyne NIYINZIMA mu gihe Gilbert Beacud NJANGWA asubiriye Gamalie NKURUNZIZA.
ni vyiz ndabashigikiy nibubahiriz abarund twese