Zimwe mu ntara kama z’Uburundi zirabangamiwe n’ihinduka ry’ibihe

2 19-04-2015 - saa 08:48, IGIHE

Intara kama ya Mirwa irageramiwe n’ihindagurika ry’ibihe kubera idakingiwe bikwiye kandi ari ahantu hahanamye cane, nk’uko bivugwa n’umwigisha muri za kaminuza, akaba n’umuhinga mu vy’ibidukikije Jean Marie Sabushimike.
Avuga ko abantu baba mu Mirwa bapfa kurima kw’isi ihanamye badakurikije amategeko y’ ibidukikije ajanye n’aho hantu, ivyo bigatuma imvura nyinshi isanzwe igwa mu mirwa ica ituma isi itwarwa. Haba rero hejuru mw’itaba ry’imisozi canke amaj epfo, isi isa n’ iyidakomeye, kuko (...)

Intara kama ya Mirwa irageramiwe n’ihindagurika ry’ibihe kubera idakingiwe bikwiye kandi ari ahantu hahanamye cane, nk’uko bivugwa n’umwigisha muri za kaminuza, akaba n’umuhinga mu vy’ibidukikije Jean Marie Sabushimike.

Avuga ko abantu baba mu Mirwa bapfa kurima kw’isi ihanamye badakurikije amategeko y’ ibidukikije ajanye n’aho hantu, ivyo bigatuma imvura nyinshi isanzwe igwa mu mirwa ica ituma isi itwarwa. Haba rero hejuru mw’itaba ry’imisozi canke amaj epfo, isi isa n’ iyidakomeye, kuko iravungagurika cane .Ivyo bigaca vyunyurwa n’imvura nyinshi igwa kuko aho mu Mirwa ari igice c’Uburundi, kironka imvura nyinshi cane, umuntu agereranije n’iyigwa mu zindi ntara z’igihugu. Isi n’imisozi yo mu mirwa rero yama yuzuye amazi menshi bigatuma isenyagurika kubera idakingiwe. Aha twovuga nk’imiserege isa n’iyibagiwe n’ibiti bidakwiye, kugira bifate isi ica izanana umuvuduko mwinshi ikagenda irahitana ivyo vyose isanze mu nzira, gushika iruhukire mu kiyaya c’imbo canke mu kiyaga Tanganyika.

Sabushimike akavuga ko igihugu rero gikwiye kuhagabira hakaba ingingo z’ugukinga ,zubahirijwe n’amategeko, n’abategetsi igihe cose. Tukabamenyesha ko igice ca Mirwa kigizwe n’intara nka Cibitoke, Bubanza, Bujumbura, Rumonge na Makamba.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Emmanwel 2016-10-24 12:33:52

None Kuberi Imvura Yoba Igwa Arinyinshi Uyumwaka Imirima Ikaba Yumiye Mugahinga

2
Antoine 2016-06-02 21:42:21

Oya Kuvyukuri Abantu Bakwiye Kuraba Bakikubita Agashi Bakubahiriza Ibidukikije!

Kumenyekanisha