Yambaye impuzu y’igiti yumva akamoto ka basogokuru

12 25-02-2014 - saa 10:42, IGIHE

Bamwe mu rwaruka rw’ubu bariko baragarukira akaranga k’Uburundi biciye mu mirwi y’abaririmvyi ndangakaranga. Hari n’urundi rwaruka rwihaye kugarukira akaranga biciye mu murisho w’ingoma. Uwu nawe yahisemwo kugarukira akaranga mu gukora impuzu y’igiti yasa n’iyazimanganye mu Burundi, ivyo akora arabicisha no mu ndiririmbo ziwe, kuko asanzwe ari n’umuririmvyi.
Annick Kabatesi yahisemwo akazina k’Ubuhizi «Murundikazi» kugira ntihagire uwuhava yibaza ko atari umurundikazi. Akiri mu mashuri mato mato, (...)

Bamwe mu rwaruka rw’ubu bariko baragarukira akaranga k’Uburundi biciye mu mirwi y’abaririmvyi ndangakaranga. Hari n’urundi rwaruka rwihaye kugarukira akaranga biciye mu murisho w’ingoma. Uwu nawe yahisemwo kugarukira akaranga mu gukora impuzu y’igiti yasa n’iyazimanganye mu Burundi, ivyo akora arabicisha no mu ndiririmbo ziwe, kuko asanzwe ari n’umuririmvyi.


Annick Kabatesi yahisemwo akazina k’Ubuhizi «Murundikazi» kugira ntihagire uwuhava yibaza ko atari umurundikazi. Akiri mu mashuri mato mato, yasomye mu gitabo c’umunyeshure bakoresha bita DUSOME ku rupapuro rwa 35, aho handitse uko kera bakora impuzu y’igiti n’uko yambarwa. Annick avuga ko vyamugumye mu mutima gushika aho yiyumvira nawe gusubira ku karanga kaba Sogokuru ko gukora impuzu y’igiti.

Mu gukora impuzu y’igiti, Annick akoresha ibiti vyamye bikorwamwo impuzu z’ibiti kuva kera, navyo ni: imimanda, umuvumuvumu n’umuhororo. Agirako asaba ko ivyo biti vyokingirwa kuko bishikana kure Uburundi ku bijanye n’akaranga. Kubera ubumenyi ashiramwo haravamwo impuzu nziza cane. Annick ati:"Nzoteza imbere akaranga k’igihugu canje imyaka yose nzobaho, impuzu y’igiti ndayikunda cane." Avuga ko iruhande y’ubwiza impuzu y’igiti ifise, ayumvamwo akamoto ka basokuru.

Annick twamusanze aho yari yagiye guterera agacumu k’ubumwe mu giteramo co kugarukira ku bahuye n’impanuka y’imvura, igiteramo cariko kibera kuri Musée Vivant. Kuri uwo munsi yagiye ku ruhimbi rw’abaririmvyi "Podium" ajanye ururirimbo «twarashaza», ruvuga ibijanye n’inyambaro ya kera. Avuga ko urwo ruririmbo rwaje gushigikira akaranga k’impuzu y’igiti, kuko yasanze ivyo akora abicishije mu ndirimbo vyofasha benshi.

Uwo mwigeme amenyesha ko amaze kwitaba amahiganwa atari make yo mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko, ajana n’abandi bigeme n’abahungu bambaye impuzu z’ibiti guhiganwa. Muri ayo mahiganwa, Annick amenyesha ko kenshi atwara ikibanza ca mbere mu bijanye n’akaranga.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2  

1
Batungwanayo Anicet 2017-03-11 21:42:44

Ni Inkuru Nziza. Irabrey Kurwaruka Rw Uburundi Kuko Irigisha Yibutsa Ukwo Sokuru/nyokuru Bari Babayeho Aho Hambre Hahise. Ingorane:urwaruka Rwinshi Ruravyirngangiza Bivany N Ukwigana Ibindi Bishasha Mvamahanga Biriko Biza...

2
NYAMBIKIYE Jairos 2016-09-20 18:39:25

Nnne Atarihayanishwa,zokwambagwa Bisanzwe?

3
NYAMBIKIYE Jairos 2016-09-20 18:37:50

Nnne Atarihayanishwa,zokwambagwa Bisanzwe?

4
NIYONIZEYE 2015-12-31 14:04:33

courage sha.Urazi kwiiyumvira pe.;urigisha nabandi kuko nivyiza cane kwerekana akaranga kigihugu cakwibarutse.

5
Somangiza 2015-05-31 09:59:12

Murabheleye chane bose na ntumira iyo impuzu 255767396688 Tz, East Africa

6
ngendakumana merchior 2015-02-26 03:36:09

akazi kawe ndagashimye ariko ndikure ndi tanzania dar es_salam ndagusavye undondele kuri nom 257753216055 ukiwa burnd tz 0753216055

7
Mupenzi 2014-06-04 11:01:51

Annick uri mwiza kweli.ese iyutanga numéro yawe tukakubaza ibindi bibazo.

8
HABONAYO 2014-03-01 10:10:42

Annik wariko ugira vyiza kandi ukebura abarundi n’abrundikazi benshi ariko manura hepfo,kandi nohejuru siko bazambara.iciyumviro nikijane ningiro wigishe bene wanyu uko bambara.ndakigushimiyeko ico ciyumviro kandi egera abo hambere bagufate mumugongo mubikorwa nomumpanuro.murakoze!

9
nene 2014-02-26 17:10:05

ndabona ufise courage vraiment!urazi nokwironderera akazi kokubeshaho usumba abakobwa benshi muriyi ville ya Buja birirwa biruka inyuma yabahungu abandi bakora ubumaraya gusa kndi vyari bikwiye ko abagore nabakobwa natwe twishakira akazi kadutunga.kndi tubishatse twobishobora.

10
Kabizi 2014-02-25 12:52:14

Ni vyiza,ariko aba kera barambara bakikwiza ntiberekana amaguru(amatako nk’uko).naho mbona afise amaguru meza si vyizako twese twoyaraba!

Paji: 1 | 2  

Kumenyekanisha