’’Visa’’ iratera intambamyi ingenzi zipfuza kugendera Uburundi

2 26-01-2015 - saa 10:54, IGIHE

Ingenzi zipfuza kugendera igihugu c’ Uburundi ziracafise intambamyi na cane cane mu kuronka uburenganzira bwo kwinjira mu gihugu kimwe bita ‘’Visa’’. Umushikiranganji w’ubudandaji, amahinguriro, amaposita n’ingenzi arabahumuriza kuko buza bwarateguye itegeko rijanye no kwinjiira muri wamugambi wa’’ visa touristique unique ‘’
Uburundi n’igihugu ciza gifise ibibanza bitari bike bihurumbirwa n’ingenzi aha twovuga nk’ikiyaga Tanganyika, ishamba rya kibira, y’amazi atemba ava ku misozi( chutes), ibuye rya (...)

Ingenzi zipfuza kugendera igihugu c’ Uburundi ziracafise intambamyi na cane cane mu kuronka uburenganzira bwo kwinjira mu gihugu kimwe bita ‘’Visa’’. Umushikiranganji w’ubudandaji, amahinguriro, amaposita n’ingenzi arabahumuriza kuko buza bwarateguye itegeko rijanye no kwinjiira muri wamugambi wa’’ visa touristique unique ‘

Uburundi n’igihugu ciza gifise ibibanza bitari bike bihurumbirwa n’ingenzi aha twovuga nk’ikiyaga Tanganyika, ishamba rya kibira, y’amazi atemba ava ku misozi( chutes), ibuye rya Livingston na Stanley , n’ibindi n’ibindi. Ariko naho biruko, ingenzi zipfuza kugendera igihugu c’ Uburundi ziracafise intambamyi zokuronka uburenganzira ‘’visa’’bwo kwinjira mu Burundi, nk’uko bishikirizwa n’uwusanzwe aserukira ishirahamwe Trade Mark East Afrika mu Burundi.

Umushikiranganji w’ubudandaji amahinguriro, ingenzi n’amaposita arahumuriza, amenyesha ko bafatanije n’ubushikiranganji bw’umutekano bamaze gutegura itegeko, ndetse bararinonosora kugira barirungike mu nama nshikiranganji riheze ryemezwe, iryo tegeko naryo rikaba rijanye na wa mugambi bita Visa touristique unique’’. Icatebeje naco ngo n’uko igihugu cose gitegerezwa kwitunganya ariko n’ikibazo c’umutekano kikirwa neza, nk’uko umushikiranganji Marie Rose Nzigiyimana abandanya abishikiriza.

Ivyo akaba yabishikirije muri komine Kabezi ,umusozi Gikungwe ahabereye ibirori vyo gutanguza icese umugambi wo guteza imbere igisata c’ingenzi hano mu Burundi. Umugambi ufashwe mu mugongo n’ishirahamwe Trade Mark East Afrika.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Nkunduburundi 2015-04-15 22:24:11

REka kubesha nta ngenzi ziza i wacu n’isura Igihugu cacu gihabwa na: 1. Abari kubutegetsi, 2. ababarwanya.
Ninde yokwubahuka kuza gutembera mu gihugu cama kivugwamwo umwuka mubi??
Abo bantu babiri mwarahemukiye igihugu cacu ciza. Imana yonyene niyo izokiza Uburundi bwacu

2
Ikijuju 2015-01-28 10:13:23

Ego twe mu Burundi twarasigaye inyuma. None ni kuki u Burundi bwo butoroshaya ivyingendo nka kurya ko muri Uganda canke Kenya canke mu Rwanda? U Burundi burakwiye kwikubita agashi bukiyunga ku bindi bihugu vyo muri Estern Africa Community. Nayo ubundi tuzosanga twarasigaye inyuma rwosi.

Kumenyekanisha