Uruzi rwa Ntahangwa ruguma rwiyagurira imbibe

3 10-07-2014 - saa 10:01, IGIHE

Ama quartier amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura arageramiwe n’inzuzi, aho amazu amwe amwe ari mu kubomoka uruzi rwa Ntahangwa.
Uruzi rwa Ntahangwa rurageramiye quartier ya Mutanga Sud iri muri komine ya Rohero, co kimwe na komine Nyakabiga, aho amazu amwe amwe ageramiwe n’urwo ruzi, ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyonyo hamwe n’ishure ritoya rya Mutanga Sud. Urwo ruzi rusanzwe ruca mu makomine atandukanye y’igisagara ca Bujumbura, rukaba ruguma rwiyagurira imbibe, ivyo navyo bigatuma (...)

Ama quartier amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura arageramiwe n’inzuzi, aho amazu amwe amwe ari mu kubomoka uruzi rwa Ntahangwa.

Uruzi rwa Ntahangwa rurageramiye quartier ya Mutanga Sud iri muri komine ya Rohero, co kimwe na komine Nyakabiga, aho amazu amwe amwe ageramiwe n’urwo ruzi, ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyonyo hamwe n’ishure ritoya rya Mutanga Sud. Urwo ruzi rusanzwe ruca mu makomine atandukanye y’igisagara ca Bujumbura, rukaba ruguma rwiyagurira imbibe, ivyo navyo bigatuma amazu hamwe n’ibindi bica bigira ingorane, na rirya amwe mu mazu uyasanga ku nkombe yarwo.

Bamwe mu banyagihugu baba mu makomine ya Nyakabiga na Rohero baba ku nkengera z’urwo ruzi, bakavuga ko rubageramiye, kandi bateye n’akamo kugira ababishoboye bose bakore ibishoboka babakingire, urwo ruzi rutariha inkumbi.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
key 2017-04-28 06:57:43

sintahangwagusa namurembwe irajugeramiye mumirimayacu inomurumongsintahangwagusa namurembwe irajugeramiye mumirimayacu inomurumonge

2
NDORIMANA Emmanuel 2014-10-30 23:37:41

Ningorane , birateye ubwwoba , ariko igitangaje n’uko n’ubu hari abagomba kuguma basatira inzuzi kandi babona ingorane zitera. Ico ndabahanuye bagerageze bubahe amategeko nacanecane itegeko ry’amazi ribuza kubaka ku metero 25 . barabe art 5 du code de l’eau.

3
majecla 2014-07-11 20:29:11

ahaaaaa atagikozwe ndabona amazu atorohewe.kandi nukwubahiriza amategeko ya urbanisme.ok

Kumenyekanisha