Uruhara rw’abagabo mu gukura neza kw’umwana akiri mu nda

7 12-12-2013 - saa 17:02, IGIHE

Abagabo n’abakenyezi bafise uruhara ntangere mu kubaho kw’umwana akiri mu nda. Umwe muri abo bavyeyi babiri abuze, umwana akiri mu nda arabimenya, kandi ivyo aheza agaca abura.
Mu bushakashatsi bwakozwe ku bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza, abahinga bavuga ko umwana ariki mu nda atangura kwumva, kuva ku mezi ane. Ku mezi indwi hoho, yumva amajwi yose, ukungene nyina amukuyakuya, canke ivyo agerageza kumuvugisha haba mu ndirimbo canke mu majambo, eka mbere n’ibigumbagumba vyose nyina (...)

Abagabo n’abakenyezi bafise uruhara ntangere mu kubaho kw’umwana akiri mu nda. Umwe muri abo bavyeyi babiri abuze, umwana akiri mu nda arabimenya, kandi ivyo aheza agaca abura.

Mu bushakashatsi bwakozwe ku bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza, abahinga bavuga ko umwana ariki mu nda atangura kwumva, kuva ku mezi ane. Ku mezi indwi hoho, yumva amajwi yose, ukungene nyina amukuyakuya, canke ivyo agerageza kumuvugisha haba mu ndirimbo canke mu majambo, eka mbere n’ibigumbagumba vyose nyina agira, yaba ivy’umunezero canke ivyerekana ko ababaye arabibamwo nawe.

Muri ubwo bushakashatsi, bakavuga ko ari ivyankenerwa kuvugisha umwana akiri mu nda kugira atangure kwimenyereza hakiri kare amajwi y’abamukikuje. Bikavurwa kandi ko iyo se w’umwana yama avugisha umwana ari mu nda, bituma umwana ari mu nda yumva ari mu mutekano ntangere, ivyo navyo bikamutuma akura yisanzuye.
Ikosa rikunze gukorwa, ni abantu bongorera mu kuvugisha umwana akiri mu nda, hakuvugana ijwi rirongoroye kugira umwana ashobore kwumva neza ico nyina canke se baba bashatse kuvuga.

Abahinga mw’irondoka rijanye n’amagara meza bavuga ko kuvuga bongorera umwana ari mu nda biri mu bishobora gutuma udutsi dutuma umwana yumva, dushobora kugabanya ubushobozi bwo kwumva.
No mu bindi vyirwa vyakozwe n’abashakashatsi nka René Almeling na Miranda Waggoner, bashigikira ko abagabo bafise uruhara ntangere mu gukura neza kw’abana bakiri mu nda. Iyo abakenyezi bashigikiwe n’abagabo babo mu gihe bibungenze, n’umwana arumva ko ari mu mutekano ntangere.

Abagabo bakaba bahamagariwe kwama hafi y’abakenyezi babo, na cane cane mu gihe bibungenze, ku neza y’umwana wabo.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
MUZIRAYI 2017-07-26 13:04:16

MWODUHANURA IKI TWEBWE URWARUKA AHO USANGA TWATWITSE INDA UMWIGEME TUKAMWIHAKANA?

2
kanyange Diane 2017-01-06 21:21:18

Murakoze cane kurizompanuro zirondoka rijanye namagara meza.

3
SEGITERI EMMA 2014-06-09 21:06:51

NIVYO KUKO MWASHAVURANIYE INDA NTISUBIRA KWIKINA NEZA.

4
Nestevode 2013-12-26 20:15:15

Kuba hafi umufasoni yibungenz birafis ico bikora ku kumwana. Abatavyemera barihenda.jew naravyibonyeko nukuri.

5
bukuru 2013-12-14 01:46:25

mutubarire ingene wamwenda kuko bisaba technique zihambaye

6
Emmanuel 2013-12-13 12:45:54

ivyo ndavyemeza.jewe nakora kure umupfasoni wanje yari yibungenze imbanyi y’amezi 6.igihe cose ntashe,umwana yarikinisha mu nda naje nkabibona.uko twayaga n’inkumbu nyinshi dutwenga,umwana nawe yaca aguma atera utugere ukumva ko anezerewe.Nico kimwe kubagabo bama bariko bashwanira abagore babo,umwana mu nda aravyumva gushika aho serugo atashe umwana mu nda agira ubwoba ntasubire nogukakaza.bica vyumvikana ko ivyo abo bahinga batohoje ko ari ukuri.<<Abagabo nikwikebuka>>.

7
Kabizi 2013-12-13 06:03:02

None nyina ataco yariye nya mwana arakura?Reka basha reka abagabo tubanza kuja gupagasa hanyuma ivy uko umwana akwumva canke ntakwumve ni ivy abazungu bobo babana baba bafise amahera!Noneko batabifatirako mu kuduha Mutations ngo twegere abafasha bacu?Ni vyiza kubegeranye!

Kumenyekanisha