UNICEF : Nta mwana n’umwe ategerezwa gusinzikarizwa agateka

3 5-05-2015 - saa 15:19, IGIHE

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana Unicef ryasohoye itangazo, aho risaba abakorera mu gisata co kumenyesha amakuru gufasha bakingire abana gusinzikarizwa agateka kabo.
Muri iryo tangazo Ishirahamwe Unicef rimenyesha ko inyuma y’aho vyemerejwe ko hari umwana w’imyaka 15 agira kabiri yitavye Imana ahitwanywe n’urusasu mu myiyerekano iriko iraba mu gisagara ca Bujumbura, Unicef yibutsa ko ata mwana n’umwe ategerezwa gusinzikarizwa agateka canke atandukanwe n’abavyeyi yishimikije ivyashikirijwe (...)

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana Unicef ryasohoye itangazo, aho risaba abakorera mu gisata co kumenyesha amakuru gufasha bakingire abana gusinzikarizwa agateka kabo.

Muri iryo tangazo Ishirahamwe Unicef rimenyesha ko inyuma y’aho vyemerejwe ko hari umwana w’imyaka 15 agira kabiri yitavye Imana ahitwanywe n’urusasu mu myiyerekano iriko iraba mu gisagara ca Bujumbura, Unicef yibutsa ko ata mwana n’umwe ategerezwa gusinzikarizwa agateka canke atandukanwe n’abavyeyi yishimikije ivyashikirijwe na Leila Gharagozloo-Pakkala umuyobozi ajejwe akarere ka Afrika y’Ubuseruko niy’ Ubumanuko mw’ishirahamwe Unicef.

Nk’uko yabishikirije kw’igenekerezo rya 30 ndamukiza, Leila Gharagozloo-Pakkala yari yavuze ko abana bashobora kuba aba mbere bakorwako n’imishamirano iriko ibera mu gisagara ca Bujumbura no mu micungararo. Iryo tangazo rimenyesha ko ugusinzikaza agateka k’umwana, vyamaze kwibonekeza kuva imyiyerekano itangura mu mabarabara ku wa 26 Ndamukiza, harimwo n’abana mbere baja mu myiyerekano, bamwe bagapfungwa abandi bagakomereka.

Iryo tangazo rirangiza rivuga ko, gukingira agateka k’umwana ari igikorwa kiraba uwariwe wese, harimwo Reta, abajejwe umutekano, kandi abana bategerezwa kwigizwa inyuma y’imigambwe canke ikindi cose cotuma barwa mw’isanganya.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
KANEZA 2015-05-09 23:13:29

AGATEKA KABANA GAKWIYE KUBAHIRIZWA

2
Mpangaje 2015-05-05 16:26:04

Hummmmmm ko mbona ari les societes civiles ba Pacifique et consorts bahamagara abana mu manifestations burya barafaditse?Nivyiza ko UNICEF ikomye induru ico nzi ako ka clin d oeil kazoza kinjira pole pole muri conscience yabantu next time ntawuzosubira bazogira isoni

3
I 2015-05-05 15:40:34

Nimubambaririre abantu bubahuka gukwegera abana mumyiyerekano, ntibibazeko bitebe bitebuke dizobabazwa.

Kumenyekanisha