Papa Fransisko ariko ategekanya kugendera akarere Uburundi buherereyemwo

15 22-01-2015 - saa 15:46, IGIHE

Umwungere wa Ekereziya Gatorika Fransisiko ariko arategura urugendo mu karere mu bihugu vya Ouganda na Centrafrika.
Iyo nkuru y’urwo rugendo ikaba yashirijwe n’ikirimba ca Papa Fransisiko i Vaticano kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 19 Nzero. Papa rero akaba ategura urwo rugendo mu kwezi kwa Ruheshi muri ivyo bihugu bibiri. Ica mbere arico Centrafrika, Papa azokigendera kugira yifatikanye n’abanyagihugu baco mu nzira barimwo y’ukwiyunga nk’uko bivugwa na musenyeri Dieudonné Nzapalainga w’i (...)

Umwungere wa Ekereziya Gatorika Fransisiko ariko arategura urugendo mu karere mu bihugu vya Ouganda na Centrafrika.


Iyo nkuru y’urwo rugendo ikaba yashirijwe n’ikirimba ca Papa Fransisiko i Vaticano kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 19 Nzero. Papa rero akaba ategura urwo rugendo mu kwezi kwa Ruheshi muri ivyo bihugu bibiri. Ica mbere arico Centrafrika, Papa azokigendera kugira yifatikanye n’abanyagihugu baco mu nzira barimwo y’ukwiyunga nk’uko bivugwa na musenyeri Dieudonné Nzapalainga w’i Bangui ku murwa mukuru , igihugu c’Ubuganda naco gisanzwe abari mw’idini rya Gatorika atari benshi cane, akazokigendera kubera kahise kaco, mu kwemera kw’abaganda.

Bikavugwa ko hari n’intumwa zo ku kirima kwa Papa zoba zatanguye ingendo mu karere, mu gutegura urwo rugendo. Urwo rugendo kandi rukaba rutanguye gutegurwa, mu gihe mu karere ivyo bihugu birimwo nk’Uburundi, hari ingorane mw’itohozwa ry’urupfu rw’ababikira batatu b’abatariyaokazi, bishwe bunyamaswa, kugeza ubu abishe abo batamakazi b’imyaka iri hagati ya 75 na 80 bacidegemvya.

Abatari bake bakabona ko abakoze iryo shano, aribo kugeza uwu musi basa n’abariko barita ku rutare, kugira iyo dosiye yegekwe ku bandi nka Bob Rugurika umuyobozi w’iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu, iradiyo yari yanatanguye amatohoza ku bishe abo babikira, ndetse yariko inafasha kugira ukuri kuje ahabona kuri urwo rupfu rwahitanye Olga Raschietti w’imyaka 83, Bernadette Boggia w’imyaka 79 na Lucia Pulici w’imyaka 75.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2  

1
NGENDAKUMANA JEAN BAPTISTE 2018-08-08 21:49:07

ABARUNDIMURANYOBERAESE UWOMWITANGONIPAAPANIMANA ?ESEMUBONAAZOMARIKIMUBURUNDI?GUSA IJAMBORY’IMANA RIVUGANGO VBWENGEBWABANYABWENGE IZOBUHINDURAUBUPFU AZOJEAHANDINTAZOZEMUBURUNDI.KUKO IVYABOBAGABO BIGIRA NGONIBAPAAPAA TWARABIBONYE_93_AHOBAZAMUBURUNDI MUMIRONG90<=>91HAGATAHO

2
NGENDAKUMANA JEAN BAPTISTE 2018-08-08 21:30:37

ABARUNDIMURANYOBERA UWOMWITANGO NI PAAPA,NUMUNTUNKABANDI.ESEAJEYOHINDURA IKIKUVYABAYEMUBURUNDI ??AHUBWOAJEMUBURUNDIYOBA AJEKUDUTEZAINTAMBARA.KUKONTARUKIZAYOBA ATUZANIYE.

3
Mbazumutima 2015-10-03 15:30:05

That Nuns.Its Hard To Hear What Happened To Them,IMANA NTIZOKWEMERA KOBAGENDA UKONYENE BENE DATA

4
Jean Claude BIGIRIMANA 2015-02-07 01:38:37

Mworetse iyo leta y’’iburundi, ikagira ivyo yifuza . Imana yaratubujije gucira imanza abandi , yo nyene niyo ishobora kumenya ikibi niciza , umubi numwiza . Abaguma basemerera haraho boba ataribo banyakuri , ntimute ukwizera Imana irabibona vyose.Mwame mwibuka ko nimwicisha bugufi , mugasaba ikigorwe , iryavuzwe rizotaha , abari imbere bazoja inyuma ,abari inyuma baje imbere....Papa nawene ataegerezwa guca munzira Imana yamuteguriye , mwe ntamutekano mwomucungira kubera nuwanyu ,mukoma induru ngurabangamiwe na Leta. Ntimugate ukwizera bantu b’’Imana , niyo yonyene ishobora kubakingira ,niyo butungane ,niyo nzira.

5
nahina jean 2015-01-31 09:07:37

papa mu bihugu arko aritegurira kugendera vyoba vyukuri uburundi burimwo?

6
desy 2015-01-26 15:55:51

J.Bosco, nyen’ubweranda ninde? nyen’ububasha ninde?

7
jean-bosco 2015-01-24 23:18:49

karibu nyen’Ubweranda turabeko twotekana mumitima tubihawe na nyen’Ububasha

8
MVUZO 2015-01-23 13:52:28

Ahubwo naze ukuri kuje ahabona abobicanyi agende ababonya twebwe abanyagihugu nitwe tuzomucungerera umutekano ntamupolice cank umusirikare dukeneye ko yomucungerera umutekano kuko nibo bicanyi nibo badufukamye munda raba nigisirikare twari twizeye naco caramaze guhengamira kumugambwe urikubutegetsi raba nananiwe nukuvuga abateye uburundi kandi aribo barwanye nabo bakanafatamwo nabandi muga ngo ntibaramenyekananibaje hiyo ubu nabajejwe umutekano twizeye igipolice co ntuvuge nimija ya DD

9
Boubou 2015-01-23 11:38:03

Dusavye ko Papa yosaba ubutegetsi bw’I Burundi kurekura Bob Rugurika hamwe n’amatohoza mpuzamakungu ku bishe ababikira OLGA, BERNADETTE, na LUCIA kugira ababishe bahanwe aho gufata inzirakarengane nka BOB.Erega ntawutazi ko yishwe n’abo hejuru muri LETA .

10
jpierre 2015-01-23 08:14:41

narungike ariho abaza i burundi gutohoza ku bwicanyi bwagiriwe ababikira bari ku murimo w’imana hano iwacu

Paji: 1 | 2  

Kumenyekanisha