Emelance arabeshuza abamwararaje ko yoba adandaza ibigori kw’ibarabara (ifoto)

31 21-02-2015 - saa 12:07, IGIHE

Umuririmvyikazi Emelance Emy arabeshuza amakuru yaciye kuri facebook yamwagiriza ko yoba yotsa ibigori kw’ibarabara rya Musaga hafi y’aho asanzwe aba.
Inyuma yaho haciye urwandiko kuri facebook ruvuga ko Emelance Emy yoba agurisha ibigori yokeje kw’ibarabara ryo ku Musaga, hakerekanwa n’ifoto ariko arahekenya ikigori, Emelance yabwiye ikinyamakuru indundi ko ababajwe n’abantu bandika ivyo batatohoje, ko bari bakwiye kwandika ukuri canke bakandika ibikorwa vy’akamaro vyiwe kuko arabifise.
Avuga (...)

Avuga ko atazi iyo vyavuye kugira bamwararaze kugeza nk’uko. Ikindi avuga n’uko abo bandika ivyo boreka gusuzugura ako kazi ko kwotsa ibigori kuko hari imiryango gatunze kandi n’abarya ibigori ntibagoka.

Mwomenya ko inkuru zo gutyoza abaririmvyi biciye kuri facebook zigisibije, iyo ya Emelance ije inyuma y’inkuru berekanye Sat B ariko agendera kw’ikinga (taxi velo), ahandi bakaba bigeze kwandika ko Yoya yapfuye n’izindi.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3 | 4  

31
####### 2015-02-21 18:00:45

Uku ni kurengera agateka kazina muntu vraiment. None uwutarya ninde? Ibi vyerekana manque de maturite y’abanyagihugu. Ubuhinga bwa none abandi babukoresha mu kwiteza imbere abarundi nabo babukoresha mu gushira abantu ku masite ngo bariye ibigori. Ibi bintu leta itabihagurukiye ndabona aba bantu bazokoza isoni uburundi. Nagira bamusanze ariko akora ibidakorwa? Aha hanze mubihugu biteye imbere bazi ico internet ikora bayikoresha mubifise akamaro apana mubitagira mvura.
Hanyuma nkuko ejo nari nanditse , uyu mumenyesha makuru bamuhaye akazi kubera babuze abakozi canke kko inkuru ziwe ni umucafu ahubwo ngira no kuri facebook avuga niwe yari yabishizeho kko ntawundi muntu yiyumvira yobigira kiretse. Niwe wenyene atanga inkuru mu Burundi twita z’URUSAKU zitagira umumaro. None iyi yo aha umurundi imumarira iki? Jewe nosaba ko uyu mukobwa yokwitwarira uyu mu menyeshamakuru yamushize aha. Iwabu munzu ntabarya ibigori nabo ngo abazane ngaha?

Paji: 1 | 2 | 3 | 4  

Kumenyekanisha