Emelance arabeshuza abamwararaje ko yoba adandaza ibigori kw’ibarabara (ifoto)

31 21-02-2015 - saa 12:07, IGIHE

Umuririmvyikazi Emelance Emy arabeshuza amakuru yaciye kuri facebook yamwagiriza ko yoba yotsa ibigori kw’ibarabara rya Musaga hafi y’aho asanzwe aba.
Inyuma yaho haciye urwandiko kuri facebook ruvuga ko Emelance Emy yoba agurisha ibigori yokeje kw’ibarabara ryo ku Musaga, hakerekanwa n’ifoto ariko arahekenya ikigori, Emelance yabwiye ikinyamakuru indundi ko ababajwe n’abantu bandika ivyo batatohoje, ko bari bakwiye kwandika ukuri canke bakandika ibikorwa vy’akamaro vyiwe kuko arabifise.
Avuga (...)

Umuririmvyikazi Emelance Emy arabeshuza amakuru yaciye kuri facebook yamwagiriza ko yoba yotsa ibigori kw’ibarabara rya Musaga hafi y’aho asanzwe aba.


Inyuma yaho haciye urwandiko kuri facebook ruvuga ko Emelance Emy yoba agurisha ibigori yokeje kw’ibarabara ryo ku Musaga, hakerekanwa n’ifoto ariko arahekenya ikigori, Emelance yabwiye ikinyamakuru indundi ko ababajwe n’abantu bandika ivyo batatohoje, ko bari bakwiye kwandika ukuri canke bakandika ibikorwa vy’akamaro vyiwe kuko arabifise.

Avuga ko atazi iyo vyavuye kugira bamwararaze kugeza nk’uko. Ikindi avuga n’uko abo bandika ivyo boreka gusuzugura ako kazi ko kwotsa ibigori kuko hari imiryango gatunze kandi n’abarya ibigori ntibagoka.

Mwomenya ko inkuru zo gutyoza abaririmvyi biciye kuri facebook zigisibije, iyo ya Emelance ije inyuma y’inkuru berekanye Sat B ariko agendera kw’ikinga (taxi velo), ahandi bakaba bigeze kwandika ko Yoya yapfuye n’izindi.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3 | 4  

21
derrick uwingabire 2015-07-26 02:10:30

Umuririmvi satb yoba yapfuye?

22
derrick uwingabire 2015-07-26 02:10:29

Umuririmvi satb yoba yapfuye?

23
Jesus marie joseph ntoreyimana 2015-06-28 17:32:24

Ivyo birababaje kandi biteyisoni.ababivuga nimburakimazi kuko nta mwuga usuzuguritse kandi udakiza kiretse kuroga

24
@# 2015-02-24 00:01:00

uwavyanditse nkukumuteza isoni ndamugaye cane kandi yoba aje aserukira ibijuju dutunze ngaha iburundi .nkabo nibo bakwiye kuja mugasho biyitira abamenyesha makuru, umuntu wese kurinosi yo dandaza ibigori kuko kiri mugiterwa vyambere kurinosi gitanga ubutunzi mubuzima bwa bantu

25
EGIDE 2015-02-23 15:57:59

uwutarya ibigor nuko atabugari arya akaz nakaz kub ww agafise nagashime uko uko kar har beshi bakipfuza bakakabura hama kuvugako sat-b yagendey kur taxi velo sicaha aba bose batunze barariciyeko hari imiryango myish gatunze har nabakipfuza bakakabur imana niy nkur nipfuzak twes twoterimber maz tugatez imbere igihugu cacu nabo bamerew nabi ntiwibagr uko warubayeh utararonk kurya wipfuza uwogufasha uterimbere ko nabandi arik bavyipfuz uzokore ineza uzoyisanga mwijuru kk ubutunz bwomwisi ubusiga mwisi nyene

26
2015-02-23 15:55:35

uwutarya ibigor nuko atabugari arya akaz nakaz kub ww agafise nagashime uko uko kar har beshi bakipfuza bakakabura hama kuvugako sat-b yagendey kur taxi velo sicaha aba bose batunze barariciyeko hari imiryango myish gatunze har nabakipfuza bakakabur imana niy nkur nipfuzak twes twoterimber maz tugatez imbere igihugu cacu nabo bamerew nabi ntiwibagr uko warubayeh utararonk kurya wipfuza uwogufasha uterimbere ko nabandi arik bavyipfuz uzokore ineza uzoyisanga mwijuru kk ubutunz bwomwisi ubusiga mwisi nyene

27
akokamezenkurutsinga 2015-02-23 12:07:07

nahabaririmbababuze uwonumuririvyi wah?

28
kiki 2015-02-22 18:36:18

Ako gakobwa karanshisha nukuri karibesheye kubera ki photoje i photo haca haba umuntu amucokoza ko yari kotsa ibnigoriiiiiiiii mushaka kumenyekana ba mugerageza muyindi nzira apana kwibershera canke kubeshera abandi

29
hitj 2015-02-22 05:13:07

None uwucuruza ibigori atawe yivye aba amenje? Uwo abona ko gucuruza ibigori ari kumenja aramuha basi akazi k’ubushikiranganje canke ubushingamateka. Igitanganje abo bashira ivyo kuma facebook ni abantu atamumaro namutoyiiii bamariye igihugu n’umuryango wabo bamwe barara barayenzera bashika muhira ari nk’ama parasites ngo bokora akakazi boba bagayitse bakabaho batazi ejo ingene bizomera. None ko batarashiraho abamenja bakadandaza imibiri yabo, uwudandaje ibigori niwe babona agayitse kubarusha. Ndabarahiye umuntu ashira nk’ibi kuri internet abayeho nk’ikibugu ntamuntu afise ico akora kandi yiyuba yoza gushira umuntu kuri internet ngo ngo ni uko yiyungunganije kugira yibesheho. Imana nibagirire ikigongwe kuko birumvikana ko atabwenge bagira. Hanyuma uyu Emelence, ntibikenewe ko yisigura naho yobidandaza ntiyoba agayitse kuko ntiyoba yakoze ibidakorwa. Uko ari kwose atawe yivye nibaza ko atari kumenja. Ubona abo birigwa barasogoya inzara barara mubumaraya abandi amapantaro bagenda barekuye barara mu ma boites mu bumaraya bose bofata uwo mwuga wo kudandaza ivyo bigori akamaro vyobagirira n’imiryango yabo hamwe mbere n’igihugu! Bakaba arai abamu surprenye ariko ararya nahonyene ndibaza uwutarya n’uko aba yabibuze, kiretse ko uwabigize amenyekanye ariwe agayitse, uyo mukobwa numva atangorane vyomutera kuko kuva isi iremwa siwe wambere ariye kandi sinawe wanyuma kandi sinawe wenyene kandi ntawamusanze yaryamye mw’ibarabara ngo yaborewe arabura iyo aja kubera yariye ibigori.
Ababantu b’imburakimazi zitazi akamaro ka internet ni kubagirira ikigongwe kuko bavu ngo uwifutse ikirago kiramukwirikira vyerekana ko babonye internet batazi ico ikora baca basimbiramwo ngo nabo bateye imbere naho shwi. bameze nk’uwo woha ikaramu ariko kubera atazi ico rikora agaca aja kuritungirako inyama ngo ni umugeto ko naryo nyene risongoye.

30
Nuwera 2015-02-21 19:42:02

Ariko ntakuntu abakoresha ububuhingabwanone bobukoresha mukubwirana ibintuvyokwubakana hakubukoresha mugusamburana noguryozanya, ahasinshatse kuvugako kwoca ibigori aruguryoza umuntu nkuko uyumukobwa (umugore) yabivuze, Arikondashaka kubabwirako atakazi nakamwe umuntu afitiye uburengazira mukugakoresha avyitirirako uwugakora abagowe canke abafise imibereho mibi, mukomejegurtyo ubushomeri buzokomeza kwiyongera. Rekandababwire, mubihuguvyateye imbere umuntu ariga akaminuza maze ahejeje kuronkurupapuro ryumutsindo agaheza agatangura kurondeza abantu bomwemerera kuzarabakuburira amazuyabo, noneho agatangura kubakoreranezacane maze abantubagakomeza kwiyongera mukumurondera ngwaje kubakuburira amazu akagerigihe akarondera abandibantu bamufasha mwivyobikorwa haragerigihe atangura kuzarazunguruka kuraba abakozi iyoyabarungitse gukora maze akibera General Manager wikampanyi yiwe. Abandi bamara zakaminuza bakaja gutangura kwugurura ama salon yogukata imishatsi, abandi bagatangura kwugurura ahobarerera abana babandibantu bagiye kubukazi butandukanye mazebakaba abotwebwe ngaha muburundi twita abayaya, nababoyi, abobose ntababwiye ngahiwacuburundi dukundakubabona tukabasuzugura ariko mumfashanyo dukundaguhabwa nivyobihugu bikize zimweziva murimwenabobantu nababwiye haniwacu dukunze gusuzugura, nkabandababwirako igihecose tuzobatugifise gusuzukura abakora akazi karikokose ndabarahiye ubushomeri buzokomeza kwiyongera mugihugucacu. Ibivyosendababwiye numugenzi yabimbariye asanzwe yibera mwivyobihugu bikize gusasinzi koyampenze hagize uwusanzwe abamwivyobihugu bikize akamuhinyuza jewe vyomfasha, amushingikiyenaho nubundi vyomfasha.

Paji: 1 | 2 | 3 | 4  

Kumenyekanisha